IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba umuhuza w’abarundi guhagarika ingingo y’iduzwa ry’igiciro (...)

OLUCOME isaba umuhuza w’abarundi guhagarika ingingo y’iduzwa ry’igiciro c’umuyagankuba

mercredi 9 Myandagaro 2017

Mw’ikete umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yandikiye umuhuza w’abarundi kuwa mbere igenekerezo rya 7 myandagaro 2017,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko imbere yo gufata inging yo kuduza ibiciro vy’umuyagankuba Reta itisunze ubukene bwugarije abarundi, n’ingaruka iyo ngingo ishobora kugira ku butunzi bw’igihugu.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene Reta ibandanya kuduza ibiciro vy’umuyagankuba, mu gihe hari amashirahamwe ya Reta n’ay’abikorera ivyabo afitiye ishirahamwe REGIDESO amafaranga imiriyaridi 60 atararihwa.

Muri iryo kete ryandikiwe umuhuza w’abarundi,ishirahamwe OLUCOME risaba umuhuza w’abarundi n’abandi bategetsi b’igihugu barirungikiwe guhagarika ingingo y’iduzwa ry’igiciro c’umuyagankuba kuko abanyagihugu badashobo kuriha ico giciro, kandi iduzwa ry’igiciro rizotuma ibiciro vy’ibindi bidandazwa biduzwa.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta ko yoshira amafaranga imiriyaridi 28 akoreshwa mu gisata c’imibano mu gisata c’umuyagankuba, ikubaka kandi ingomero z’umuyagankuba zofasha gukwiza umuyagankuba mu gihugu, ikariha kandi ideni ifitiye ishirahamwe REGIDESO, kugira ntarihwe n’abanyagihugu bato bato basanzwe bari mu bukene.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017,umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu,ubutare n’agata Come MANIRAKIZA yavuze ko kuva mu kwezi kw’umunani igiciro c’umuyagankuba kizodugako amadorare y’abanyamerika 0,20 kuri KWH.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.