OLUCOME yerekanye icokorwa kugira ikibazo c’Uburundi gitore inyishu

Yanditswe na
Kuya 18 Rusama 2017 saa 12:54
Yasomwe : 10566
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME ryarungikiye abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, umuhuza mu bibazo vy’Uburundi hamwe n’abafasha Uburundi urwandiko cerekana ivyokorwa mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi ata guhengama.

Nkuko biri muri iryo tangazo ry’ishirahamwe OLUCOME , bimwe mu biri muri urwo rwandiko harimwo ibijanye n’iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha, iyubahirizwa ry’inkingi z’intwaro rusangi , kurwanya ukudahana ivyaha , kurwanya ibiturire hamwe n’uruhara rw’umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira mu guhumuriza abarundi.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 25 Rusama,umwaka wa 2017 rizokora igikorwa co gusigura ibiri muri urwo rwandiko rufise umutwe : ‘’Uko ishirahamwe OLUCOME ribona ikibazo c’Uburundi: Igituma, Ingaruka, Inyishu.’

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta risaba abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko gusaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi kwitaba ibiganiro,guhagarika ibijanye no guhindura ibwirizwa nshingiro imbere y’uko ibiganiro bibera hanze bihera .

Ishirahamwe OLUCOME riheza iryo tangazo risaba ko vykwemezwa neza ko ibiganiro bihuza abarundi bibera hanze bizohera mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi, kandi bigatumirwamwo abegwa bose n’ikibazo c’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME ryashikirije urw rwandiko, mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kurya 20 i Dar Es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya hazoba hakoraniye inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha