IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME yibutsa ibice 70 kw’ijana vy’amafaranga yokwinjiye mu kigega ca (...)

OLUCOME yibutsa ibice 70 kw’ijana vy’amafaranga yokwinjiye mu kigega ca Reta

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME, mw’ikete yandikiye uwutwara Uburundi, yamwibukije ko mw’ikete rindi nk’iryo ryo kuwa 9 Myandagaro 2017, yari yashize ahabona urutonde rw’amasoko yatanzwe hatubahirijwe amategeko, ariko ko atacakozwe kandi amafaranga ya Reta abandanya kunyuruzwa hamwe n’ugukoreshwa nabi, inzego zibijejwe zirorera. Gabriel RUFYIRI aravuga amwe muri ayo masoko yari yabwiye umukuru w’igihugu.

"Isoko ry’amafaranga arenga imiriyoni 550 z’abanyamerika y’ukugura ibikoresho bihanitse vy’ugutumatumanako amakuru ryatswe ishirahamwe ry’Abanyamerika, rihabwa ishirahamwe ryo mu Bushinwa, isoko ikivuko ca Bujumbura cahaye ishirahamwe ryo muri Afrika y’epfo ryatumye amafaranga agera ku muriyoni 6,5 z’abanyamerika anyuruzwa, amasoko ahabwa abacukura ubutare n’agataka, amasezerano y’ugukorera hamwe hagati ya REGIDESO na PAYWAY Burundi, amasezerano hagati ya REGIDESO n’ishirahamwe Interpetrol ridandaza igitoro, hamwe n’amasezerano y’igisagara ca Bujumbura hamwe n’amashirahamwe atoza amafaranga y’ibituro vy’imiduga."

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Gabriel RUFYIRI avuga ko yahisemwo kwandikira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA iteke rigira kabiri, kugira amumenyeshe ko ugutanga amasoko hatubahirijwe amategeko vyabaye nk’umugenzo, ku bategetsi b’Uburundi.

Ishirahamwe OLUCOME rigaruka ku masoko abiri akomeye rivuga ko aheruka gutangwa hatubahirijwe amategeko y’uguhiganwa hamwe n’ugukorera mu muco, isoko ryahawe ishirahamwe BBS hamwe n’ishirahamwe "Net Telecom", amasoko ahuza ayo mashirahamwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, hamwe n’ikigo kijejwe ivy’amabarabara mu Burundi (Office des Routes).

Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME yibutsa umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko ku mafaranga arenga imiriyaridi 1200 z’amarundi Reta ikoresha, ibice 70 biva mu masoko aba yatanzwe. Mu gihe ayo masoko atanzwe mu kinyegero kandi hatubahirijwe amategeko, mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko ingaruka zifata umunyagihugu muto. Umukuru w’igihugu akaba asabwa n’iryo shirahamwe ko yohagurukira ico kibazo, kugira Uburundi butere imbere, n’Abarundi babeho neza.

Mu biro vy’umukuru vy’umukuru bamenyesha ko amateke yose yandikiye umukuru w’igihugu amushikira. Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko ku biba vyasabwe mu makete yandikirwa, umukuru w’igihugu abikora iyo asanze ari ivy’inyungu y’igihugu n’abanyagihugu.

JPEG - 937.1 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.