Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU : Amakenga hamwe n’ubwoba ni vyinshi kw’itorwa rya Donald (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU : Amakenga hamwe n’ubwoba ni vyinshi kw’itorwa rya Donald (...)

ONU : Amakenga hamwe n’ubwoba ni vyinshi kw’itorwa rya Donald TRUMP

vendredi 11 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’aho amatora yo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika atsindiwe na Donald Trump, bamwe mu baserukizi bakuru b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baratewe amakenga hamwe n’agashavu kuri iryo torwa, bivanye n’imvugo zo gukumira n’ugukengera ONU Donald Trump yagiye arakoresha mu bihe vy’imyiyamamazo.

Muri ONU bavuga ko haheze imyaka umunani ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikorana neza na Reta irongowe na Barack Obama, abategetsi benshi ba ONU bakaba rero bafise ubwoba ko Amerika igiye gusubira mu bihe vy’umwijima nk’ivyo yigeze kuba irimwo ku ntwaro ya George W. Bush akumira ONU mu ngingo yafata zijanye na poritike y’amakungu.

Umuvugizi wa ONU Stephane Dujarric yamesheje ariko ko yizeye ko Amerika na ONU bazogiriranira imigenderanire myiza.

JPEG - 50.6 ko
Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric

Amerika nico gihugu gitanga intererano nyinshi muri ONU, aho gitanga imiriyaridi umunani z’amadorare y’abanyamerika ku mwaka. Bamwe mu bategetsi ba ONU bafise ubwoba ko Amerika igiye kuzogabanya cane ayo mafaranga kandi iryo shirahamwe rihanzwe n’ibibazo vyinshi bisaba gufasha abanyagihugu bo mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.

Mu kwezi kwa Ntwarante 2016, nk’uko tubikesha VOA, Donald Trump yashikirije ko ONU yacitse intenge kandi ko ataco igishoboye gukora, avuga ko ata rukundo akiyifitiye. Yashikirije kandi ko ONU idashigikiye intwaro rusangi hamwe n’ukwidegemvya, kandi ko itakiri umugenzi wa Amerika naho iri ku butaka bw’ico gihugu.


IGIHE

Messages

  • Nibemere bashire aho intahe yashize bareke gukengera ico abanyagihugu bashitseko nimba bemera démocratie.Obama nawe yari igikoresho cabo muguhungabanya afrika.Ubu haraje umugabo w’ijunja n’ijambo nicogituma batanguye kujugumira kubera baziko azi amanyanga yabo.

  • yemwe uyo trump ntabatere ubwoba ahubwo niwe abufise, ngira arabona ko kwisi arukugenza make si non ntazo reussissa ubonye ingene aba nyamerika bamwanka naho bamwe bamutoye en tout cas ivyiwe na wene ntivyoroshe ubu ho ibizoba bizomufuingisha umwana kuko agwanywa nabenshi ugira aba nyamerika baravyina, naho yatwenze ngo abo muri opposition ouganda bakubiswe nkimbwa wewe ubu ho ntibazomutera ikirato bazomutera amazirantoke. wait and see

  • Ubwoba bafise ni amahera US ihora itanga muri ONU. Erega Trump yavuze vyo, iyo ONU ntaco imaze none mundabira yakoze iki, raba Kaddafi yarapfuye ihari, ibihugu vya Afrika dufatwa nabi iyo ONU ihari; ahabaye akajagari iyo ONU ica ikura meza, Sadam yishwe nk’imbeba ONU ihari, Irak na Syrie ziriko zinyagirwa amabomb ONU irorera, none ico kintu ONU n’igiki, ngira n’igishusho.

  • Onu ntakugenda nagatoya trump akwiye kuyikosora kuko ntaco imariye isi kuko ica izangondagonde.arakora nkukwo kwa bush mpaka izimbwa zishimiriza onu mpaka zinyawe aho tuvuga can cane kagame umuhezanguni nka obama

  • Jewe trump kuba yarakengereye ONU ndamutahura gose uwigize agatebo ayora ivu kuko nomurimwebwe mutwara ONU murimwo abagizi banabi kandi ntimukigishe abandi amategeko igihe namwe ayabagenga yonyene mutayasonera aho kuyubahiriza muyicarako raba ingene muri 94 murwanda ibara ryaguye ibihumbi nibihunbi bigatikira mwibereye ngaho ntimutabare kandi amategeko abategeka gutabara muyicaranye ngaho raba ingene muburundi reta yicaduka yishizeho ibanje guhonyanga amategeko mwebwe nyene mwahagarikiye mukanagiramwo uruhara yamaze abantu ibacisha kubuhombo mwirorera ningo mugizengo muratoye yokurungika aba polisi 228 boza gucungera umutekano yabananiye gushira mungiro mugezengo murungitse intumwa yanyu ahagukora icamuzanye atangura guteranya abarundi namwe nuko ntimukigishe abandi namwe ivyo mutiyigishije ahubwo nagomba sabe nyakubahwa trump iyo ONU yashaka azoce ayifuta kuko ntacimaze

  • Amagambo Ronald Trump yakoresheje yerekana ko Atari yiyize Ku mwanya was president was America ibyo rero ntibivuga ko atazakorana nabandi nta bwoba kuri Trump keretse ku bamenyereye gutanga ruswa ngo ibyabo bijye imbere kandi atari byiza

  • Bashaka Gusamaza Trump Ntakore Icoyatorewe Ahubwo ONU Ivyayovyamenyekanye Kwaribikoresho Vyaba Opose.

  • Bashaka Gusamaza Trump Ntakore Icoyatorewe Ahubwo ONU Ivyayovyamenyekanye Kwaribikoresho Vyaba Opose.

  • Trump nagabe aganze.ONU ntigasubire kubesha ngo democracie itanguye kwanka aho abenegihugu ba america bzshize.vyerekanako nirya migumuko aribo bayitunganije.Trump azoyobora igihugu bumigwe maze imisi bamutega babe aribo bayigwamwo kumwe kwa sindumuja w’i BURUNDI.ISHAHURWA IRIRA

  • Isi igiye yaronka umuntu yubahuka kudoma urutoke ku kagwi k’abicanyi baboheye imugongo ibihugu nk’ivyo muri Afrika. Abasuma n’abambuzi, abacuruza ubukene, abagira ihonyabwoko kw’isi.

    Imana imuje imbere.

  • Ahubwo Onu Niyisubireko Kuko Hariho Ingingo Nyishi Ifata Kuburundi Zitari Nziza Trump Sinziko Azobishigikira

  • Jewe ubwomurantangaza, ndababaze ngaha muburundi abiyamamaza ivyo bavuga barabikoze? inzira yokurondera abanwanyi nirya yakoresheje ntayindi yariho yarigukoresha. muvyo yavuze kwagiye kwiruka nabimukira bose, mwijambo yashikirije yi vugiye yuko umugabwe wiwe utsindiye bose baba aboyise aba migration. Namwe muriko muritera hejuru rekatubitezabagabo tuzobiraba, ni mwirye ahagaaaaaaa.

  • TRUMP est un Président très fort, diffent de OBAMA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.