ONU : Antonio GUTERRES asaba Amerika kutava mu masezerano ya Iran

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 3 mai 2018 saa 01:07
6375
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kutava mu masezerano mpuzamakungu ajanye no guhagarika ikorwa ry’ ibirwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Iran kuko vyotera ingaruka nyinshi.

Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko umunyamabanga mukuru wa ONU,Antonio GUTERRES, yavuze ko nimba ayo maserenano yashizweko umukono mu mwaka wa 2015 atokurikizwa mu gihe hoboneka iyindi nzira yokoreshwa kugira umuti w’ico kibazo c’ibirwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Iran utowe.

Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald TRUMP, aheruka gushikiriza ko ayo masezerano arimwo amahinyu, akaba ategekanya gushikiriza ingingo yiwe ya nyuma yaho ahagaze mu minsi iri imbere.

Ibiri mur’ayo masezerano bijanye no guhagarika burundu ikorwa ry’ivyo birwanisho muri Iran,gukura ibihano mpuzamakangu Iran yafatiwe hamwe no gushobora kugenzura ivyo bikorwa.

Amasezerano ajanye no gukora ibirwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Iran yateweko umukono kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 2015 i Vienne mu gihugu ca Autriche, hagati y’ico gihugu n’ibihugu 6 rutura kw’isi arivyo Ubwongereza,Ubufaransa,Ubushinwa,Uburusiya,Amerika hamwe nigihugu c’Ubudagi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha