PAM : Abana bashika ibihumbi 600 bashobora guhitanwa n’inzara.

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Ruheshi 2017 saa 10:28
Yasomwe : 2106
0 0

Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ivy’imfungurwa kw’isi (PAM ) ryasavye ishirahamwe rya Buraya imfashanyo ingana n’umuriyaridi w’amadorari kugira rishobore gufasha mu mezi ari imbere abana bugarijwe n’inzara bo mu bihugu vya Yemen , Sudani y’Epfo , Somariya hamwe n’abo mu gihugu ca Nijeriya.

Ishirahamwe PAM rimenyesha ko abantu bashika ku miriyoni 20 aribo bagiye kugeramirwa n’inzara, muri bo abagera ku miriyoni 5,7 akaba ari abana, muri abo abashika ku muriyoni n’igice bakaba bugarijwe n’ikibazo co gufungura nabi.

Inyuma yaho ahejeje kubonana n’uwutwara ishirahamwe rya Buraya Federica Mogherini, Umukuru wa PAM David Beasley yateye akamo Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya na cane cane igihugu c’Ubudagi ,Ubwongereza hamwe n’Ubufaransa kugira bitange imfashanyo yofasha muri ico gikorwa.

David Beasley arongoye PAM yavuze ko hamwe mu mezi 2 canke 3 ari mbere ishiramwe PAM ritoronka imfashanyo vyotuma abana bashika ibihumbi 600 bashobora kuhasiga ubuzima.

Mwomenya ko ishirahamwe PAM riherutse kugabanya ica kabiri c’imfungurwa zaronswa impunzi ziva mu gihugu ca Sudani y’Epfo ziba mu gihugu c’Ubuganda mu ntumbero yo kwitaho abasinzikaye bo mu bihugu vya Yemen , Sudani y’epfo ,Somariya hamwe na Nijeriya .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha