IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM : Intwaro rusangi mu Burundi ntiratsimbatara

PARCEM : Intwaro rusangi mu Burundi ntiratsimbatara

vendredi 15 Nyakanga 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017, mu gihe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu witiriwe intwaro rusangi, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yavuze ko ivyo bitumwa n’uko abanyeporitike babona ko intwaro rusangi igarukira mu matora gusa, bigatuma iyo amatora aheze batiyumvira gushira mu ngiro ivyo bemereye abanyagihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati : « Iyo abanyeporitike bahejeje amatora baca bibagira ivy’intwaro rusangi bakibagira ivyo bazokorera abanyagihugu aho bakoresha ukuri ku nyungu zabo bakibagira gukoresha uko kuri ku nyungu z’abanyagihugu, biyumvira kuja ku butegetsi no kubugumako gusa.»

Faustin NDIKUMANA avuga ko intwaro rusangi yategerezwa kurangwa n’ugutandukanya ubutegetsi, kwubahiriza ingene abantu bashikiriza ivyiyumviro, kwubahiriza uko imigambwe ikora hamwe n’ibimenyeshamakuru, kunganisha abantu imbere y’amategeko, hamwe n’ukwubahiriza itunga ry’igihugu.

JPEG - 107 ko
Faustin NDIKUMANA,Umukuru wa PARCEM

Umukuru wa PARCEM ashikiriza ko kugira intwaro rusangi ikomere mu Burundi abarundi bategerezwa kwemeranya ko amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa shingiro vyayavuyeko arivyo mushinge w’intwaro rusangi vyubakiyeko, akaba ari navyo vyatumye Uburundi busubira mu nzira y’intwaro rusangi inyuma y’ibiganiro vyabaye n’amatora arongera gutunganywa.

Kubwa Faustin NDIKUMANA ibindi bitegerezwa gukorwa kugira intwaro rusangi ikomere mu Burundi, n’uko hategerezwa kujaho n’imigambi y’iterambere kuko ahari ubukene intwaro rusangi iguma igoyagoya hatibagiwe kwama hatungwanya amatora aciye mu muco no mu mwidegemvyo bose bakayajamwo, ibiyavuyemwo bigatanga inzego z’igihugu zizewe.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.