IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba ko hatangwa inyigisho ku bahingura ibinyobwa bitandukanye

PARCEM isaba ko hatangwa inyigisho ku bahingura ibinyobwa bitandukanye

Monday 24 September 2018, by vianney

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa mbere igenekerezo rya 24 Nyakanga 2018,umukuru wa PARCEM Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko ivyiyadukije muriyi misi aho usanga abantu bahingura ibintu bitazwi bikaja ku masoko ari ubutunzi buriko burapfa aho gukiza abantu buriko bwonona amagara yabo.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko mu gihugu hategerezwa kuba poritike ijanye no kwigisha hamwe no kwereka abantu intambwe bacako kugira ivyo bahinguye bije ku masoko bikwije ivyangombwa.

Uyo arongoye PARCEM avuga ko inzego zitandukanye z’igihugu zerwa n’ico kibazo haba ubushikiranganji canke ikigo BBN ataco ziriko zirakora kandi vyategerezwa guhagurukira ico kibazo kuko arivyo bifise inguvu n’ububasha bwo gukingira abanyagihugu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati:“Dushaka kuva mu majambo tuje mu bikorwa.”

Uyo mukuru wa PARCEM atera akamo inzego zibijejwe kwikubita agashi kugira habe igihindutse,abanyagihugu nabo abasaba kwitera iteka mu guheba kunywa ivyahinguwe bidakwirikijwe amategeko.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.