PARCEM yashikirije ibikwiye gukosorwa mw’itunganywa ry’amatora

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 25 mai 2018 saa 01:09
13575
0 0

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyesha ko, hari ibikwiye gukosorwa mw’itegurwa ry’amatora kugira ntihagire abagira akangonongono canke ngo baharire ibiyavuyemwo igihe bimenyeshejwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Rusama 2018,Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM yamenyesheje ko bimwe mu bikwiye gukosorwa ari nk’ibijanye gutanga uruhara rungana ku bantu bose bagengwa n’amatora,umuco mu bijanye no guharura amajwi hamwe no kuba hari indorerezi zikwiye ataho zegamiye adasize inyuma uko abamenyeshamakuru boza barashikiriza neza uko amatora agenda.

Muri ico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yavuze ko guhindura amategeko atari bibi ariko vyari vyiza ko mu kuyahindura hashirwa imbere ibibazo vy’abanyagihugu kugira bitorerwe inyishu.

Faustin NDIKUMANA yavuze ati :« Ko amategeko ahindurwa hari ikizohinduka mu vy’agateka ka zina muntu ? ubukene,igiturire,agashomeri kari mu gihugu bizoca bitorerwa umuti ? »

Uwo mukuru wa PARCEM atera akamo ko hokwama haba ibiganiro kuko bitahari hazoguma hari agahombo kanini.


Kumenyekanisha

1
Jeremie 25-05-2018 à 14:30

Komera Mutama Mwavuga Nuko Muhanura Intumva

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha