Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakisitani : Umushikiranganji wa mbere Nawaz Sharif yatanze (...)
Pakisitani : Umushikiranganji wa mbere Nawaz Sharif yatanze imihoho
vendredi 28 Mukakaro 2017, par
Nawaz Sharif w’imyaka 67 yagirizwa ko yanyegeje ubutunzi bwiwe busanzwe buri mu maboko y’abana biwe, ariko we kubwiwe yagumye ahakana ivyo vyagiriji aho yamenyesheje ko ata kintu kibi yigeze akora.
Igize incuro ya kabiri muri kahise ka Pakistan umushikiranganji wa mbere akiri mu mabanga akugwa muri ayo mabanga bisabwe na Sentare, mu mwaka wa 2012 niho uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Raza Gilani yakurwa mu mabanga yiwe inyuma yo kwagirizwa ko yarengeye ubutungane mu kwanka gutanguza amatohoza ku mukuru w’igihugu Asif Zardari yagirizwa kurya ibiturire.

Abashikiranganji basanze bacuditse na Sharif bamenyesheje ko bazokubahiriza icemezo c’ivyavuye mu rubanza rwa sentare.
Mwomenya ko Nawaz Sharif atarigera amara umwanya w’ibiringo 3 amaze gutorwa nk’umushikiranganji wa mbere aho mu mwaka w’ i 1993 yabwirijwe gutanga imihoho inyuma yo kwagirwa n’igiturire,mu mwaka w’i 1997 ku ncuro ya kabiri atowe kuba umushikiranganji wa mbere mu 1999 yavuye muri ayo mabanga, inyuma yihirikwa ry’ubutegetsi rya gisirikare, aho yaciye ahungira mu gihugu ca Arabi Saudite.
Vianney BIKORIMANA