Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistan : Abantu 153 baguye mu mpanuka y’imodoka itwara igitoro
Pakistan : Abantu 153 baguye mu mpanuka y’imodoka itwara igitoro
lundi 26 Ruheshi 2017, par
Iyo mpanuka yabereye mu gisagara ca Bahawalpur, mu ntara ya Punjab iri mu buseruko bwa Pakistan mu gatondo ko kuri uwu w’Imana.

Ibitaro vya "Nishtar n’ibya Bahawal Victoria" vyakiriye abaremvye kurusha abandi bagera ku bice 70 kw’ijana vy’abakomeretse bose hamwe.

Umushikiranganji wa mbere wa Pakistan, Muhammad Nawaz Sharif, yahojeje ababuriye ababo muri iyo mpanuka, avuga ko Reta y’ico gihugu iriko irafasha mu kuvuza abakomeretse.

Egide NDUWIMANA