Paul KAGAME yagenye abagize Reta nshasha y’Urwanda

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 31 Myandagaro 2017 saa 09:02
Yasomwe : 16434
0 0

Umukuru w’igihugu Paul KAGAME yatangaje abashikiranganji 20 bagize Reta nshasha irongowe na Docteur Edouard Ngirente umushikiranganji wa mbere w’Urwanda yagenwe kuri uwu wa gatatu.

Iyo Reta nshasha yatangajwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017 igizwe n’abashikiranganji 20 hamwe n’abanyamabanga 11 ba Reta y’Urwanda. Reta yahahora yari igizwe ariko n’abashikiranganji 19 hamwe n’abanyamabanga 10.

Abo bashikiranganji bagenwe barahira kuri uwu wa kane, mu nama nshingamateka y’Urwanda. Batandatu mu bagenwe ni bashasha muri Reta y’Urwanda.

Abagize Reta nshasha y’Urwanda ni :

1. UWIZEYE Judith, Umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu
2. GATETE Claver, umushikiranganji w’ikigega ca Reta
3. MUNYESHYAKA Vincent, umushikiranganji w’ubudandaji
4. Dr. BIRUTA Vincent, umushikiranganji w’ibidukikije
5. TUMUSHIME Francine, umushikiranganji w’ubutare n’agataka
6. MUKESHIMANA Geraldine, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi
7. MUSHIKIWABO Louise, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu.
8. KABONEKA Francis, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu
9. MUSONI James, umushikiranganji w’ibikorwa remezo
10. KABAREBE James, umushikiranganji w’ukwivuna abansi
11. KAYISIRE Marie Solange, umushikiranganji ajejwe imirimo y’Inama y’abashikiranganji
12. Docteur MUSAFIRI Papias Malimba, umushikiranganji w’indero
13. MBABAZI Rosemary, umushikiranganji ajejwe urwaruka
14. NSENGIMANA Jean Philbert, umushikiranganji ajejwe ubuhinga n’ugutumatumanako amakuru
15. Debonheur Jeanne d’Arc, umushikiranganji ajejwe impunzi
16. UWACU Julienne, umushikiranganji ajejwe inkino n’imico kama
17. BUSINGYE Johnston, umushikiranganji w’ubutungane
18. RWANYINDO KAYIRANGWA Fanfan, umushikiranganji w’abakozi ba Reta
19. Docteur GASHUMBA Diane, umushikiranganji w’amagara y’abantu
20. NYIRASAFARI Esperance, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’imiryango


Kumenyekanisha

1
KADANGI MABROUK 1er-09-2017 à 16:57

uraja kuba mu Rwanda none?

2
sinzoyiheba 31-08-2017 à 21:32

yego shaga karikurubu ivyamvagara vyabarundi ngoni ndabakure bimaze abarundi naho mugwanda batera imbere mugabo

3
Karikurubu 31-08-2017 à 15:39

Bravo Kagamé et le Rwanda,Abanyarwanda mufise amahirwe yo kugira umuyobozi mwiza akunda igihugu n’ abanyagihugu biwe,atari vyabimwenyi vyo ngaha mu Burundi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha