Peru : Abaporisi babiri bishwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 1er juin 2017 saa 09:03
Yasomwe : 2970
0 0

Abantu bakekwa kudandaza ibiyayuramutwe barashe kuri uwu wa kane abapolisi 2 mu gihugu ca Peru.

BBC ivuga ko abo bapolisi bishwe mu gihe bari bavuye ku kirindiro cabo mu gisagara ca Apurimac Ene.

Umukuru w’igihugu ca Peru, Pedro Pablo Kuczynski, yamenyesheje ko ico gitero cakozwe inyuma y’aho ibiro bigera ku 700 vy’ibiyayuramutwe bifashwe n’abajejwe umutekano.

Tubibutse ko mu gihugu ca Peru, igisagara ca Apurimac Ene arico kidandazwamwo cane ibiyayuramutwe, urwo rudandazwa rukaba rukorwa cane n’umugwi w’abagwanyi ba Shining Path.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha