Philippines : Igitigiri c’abahitanywe n’igihuhuhusi Tembin congerekanye

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 27 décembre 2017 saa 08:46
6375
0 0

Mu makuru dukesha ikinyamakuru RFI,inyuma y’iminsi 4 amazinga ya Philippines ageramiwe n’igihuhusi Timbin, abantu 240 nibo bahasize ubuzima nayo abantu ibihumbi n’ibihumbi bakaba batagira aho bakika umusaya.

Nk’uko bivugwa n’umuryango utabara imbabare Croix Rouge,abantu bashika kuri 500.000 nibo bakozweko n’ico gihuhusi Tembin.

Oscar Palabyab, umunyamabanga mukuru wa Croix Rouge muri Philippines, abicishije kuri RFI yavuze ati :« Mu misozi, umutumba wose warabomotse ivyondo biratwara ibintu n’abantu, nta kintu na kimwe cahasigaye, turacariko turarondera abantu barenga 300 twabuze irengero ryabo. »

Oscar Palabyab avuga ko imiryango ishika ku 115000 igeramiwe kandi ibitigiri biguma biduga,inyubakwa zirenga 1000 zarasambutse , kandi ko bizosaba igihe kitari gito kugira ibintu bisubire mu buryo.

Uwo munyamabanga mukuru wa Croix Rouge muri Philippines amenyesha ko, abanyagihugu bakenye cane, ko rero bagiye kwihutira gufasha ba ntahonikora na cane cane ababuze abahora basumira imiryango.

Gushika n’ubu haracigwa ukwo Philippines yofashwa kugira bave mu kangaratete.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha