Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Philippines nayo ishobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha
Yanditswe taliki ya 18-11-2016 - isaha 11:24' na IGIHE

Umukuru w’igihugu wa Philipines, Rodrigo Duterte, yamenyesheje ko ashobora kwikura muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu Buhorande.

Rodrigo Duterte yamenyesheje ko iyo Sentare ata kamaro na kamwe ifise. Mu gihe yari mu nama mpuzamakungu y’ibihugu bihuriye ku muhora wa Asia na Pacifique, uwo mukuru w’igihugu yavuze ko ashobora gufata inzira yafashwe n’Uburusiya, nawe agakura igihugu ciwe muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Rodrigo Duterte yashikirije ko mu gihe vyoshoboka ko ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa bishinga ishirahamwe bahurirako, n’igihugu ca Philippines coba ica mbere mu kwinjira muri iryo shirahamwe.

Ibihugu vy’Uburusiya na Philippines bifashe iyo ngingo inyuma y’iminsi mike iheze bimwe mu bihugu vyo ku mugabane wa Afrika bitangaje ko bivavanuye n’iyo Sentare. Kw’isonga ry’ibihugu vyatanguriye ibindi haza Uburundi, hagakurikira Afrika y’Epfo, mu nyuma Gambia, hamwe na Congo Brazzaville.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye mu Buhorande yashinzwe mu mwaka w’2002, mu ntumbero y’ugucira imanza abantu bakora ivyaha vyo mu ntambara, hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane.

Bimwe mu bihugu vyo muri Afrika bikavuga ko iyo Sentare ibangamira abakuru b’ibihugu bo ku mugabane wa Afrika gusa.

Ivyiyumviro vyanyu

iyo sentare ivangura nibayihebe ntacimaze .

20.11.2016 à 21:31
Nema

Ahubwo mbona CPI atamatohoza igikeneye kugira nicakire abo bicanyi nyene bariko barayihunga kuko ataco wiyagiriza simbona ubwoba wogira

20.11.2016 à 09:47
Issa

Firipine guhunga ningobwa nayo nyene ikurikire abandi, kuko nabonyene ukurikiranye bari mubahohoteye agateka kazina muntu cane, nkunze kuvugana nabo murifiripine bamwe bamwe bigeze kubahono muburundi, nukuri abategetsi bafiripine sibeza.

20.11.2016 à 08:50
morodikayi.

Wowe uvuga ngo hasigare yo Kagame ugaragaje ko ibyo uvuga utabizi. U Rwanda ntiruba muri ICC. Rwavyanse kera.

20.11.2016 à 07:17
Emmy

Vamwomwese Hasigareyo Kagame Nurwanda Gusa !!

18.11.2016 à 17:17
Umutoni

Veyo abo bacoloni bayisigaremwo. Iyo sentare ni igikoresho nka ONU, FMI, Banque mondiale... vyo kugumiza mu buja Afrika.

18.11.2016 à 15:17
Afrika

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.