Quatar: Ibihugu vy’abarabu bisaba ishurwa mu ngiro ry’ivyo vyasavye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 Mukakaro 2017 saa 04:40
Yasomwe : 3681
0 0

Ibihugu bine vy’abarabu vyongereje ikiringo vyahaye igihugu ca Quatar co kuba cashize mu ngiro ivyo gisabwa ,bitabaye ukwo bigaca bigifatira ibihano mu masaha 48.

Igihugu ca Quatar gisabwa gushira mu ngiro ibintu 13 muri ivyo,harimwo kwugara ikinyamakuru Al Jazeera gushika ku munsi w’Imana igenekerezo rya 2 Mukakaro 2017.

Igihugu ca Quatar camaze gushikiriza aho gihagaze, cavuze ko kiza kwishura kibicishije mw’ikete kirungikira igihugu ca Koweit kuri uno wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017.

Igihugu ca Qatar kirahakana ivyo cagirizwa ko gishigikiye imirwi ikora iterabwoba.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha