Home > Amakuru > ishirahamwe > REGIDESO isaba ababa mu gisagara ca Bujumbura kwiyungunganya no kuziganya (...)
REGIDESO isaba ababa mu gisagara ca Bujumbura kwiyungunganya no kuziganya amazi
Friday 6 July 2018, by
Mw’itangazo ryasohowe n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe REGIDESO, Simeon HABONIMANA rimenyeshako ikena ry’amazi ryibonekeza mu ma karitiye y’igisagara ca Bujumbura ryavuye ku ngorane zabaye kw’ihinguriro ry’amazi ya Tanganyika asanzwe akoreshwa mu gisagara ca Bujumbura.
Simeon HABONIMANA avuga ko imvura y’urushana yatumye izana urushanga rwinshi rwatumye ibikono bihingura amazi meza asanzwe atangwa mu gisagara ca Bujumbura biziba bica bituma amazi atayungururwa neza.
Uyo muyobozi mukuru wa REGIDESO aheraheza amenyeshako ibisata bijejwe ubuhinga n’ibikorwa biriko birakora ibishoboka kugira umwimbu w’amazi atangwa wiyongere mu gisagara ca Bujumbura.

Vianney BIKORIMANA
Forum posts
8 July 2018, 14:35, by Khaji Rurindikije
Mwiriwe Banyakubuhwa Ndasaba Mutuvugire Natwe Aha Mu Rugari Iwacu Amazi Barayaduhemye Ntituraronka Kandi Namatara Yatevye Ariko Ahsante Ndabona Muriko Murayatunganya