RSF ivuga ko abamenyeshamakuru 65 bishwe kw’isi mu mwaka wa 2017

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 19 décembre 2017 saa 10:46
3075
0 0

Icegeranyo cama gisohoka buri mwaka c’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF (Reporteurs Sans Frontieres) cerekana ko abamenyeshamakuru 65 aribo bishwe kw’isi yose mur’uno mwaka wa 2017.

Ishirahamwe RSF rivuga ko igitigiri c’abamenyeshamakuru bishwe mur’uno mwaka wa 2017 bagabanutse gushika ku bice 18 kw’ijana, ugereranije no mu mwaka uheze wa 2016.

Ico cegeranyo kivuga kandi ko uwu mwaka wa 2017 ubaye uwa mbere mu myaka 14 iheze hishwe abamenyeshamakuru bake bahorwa akazi kabo.

RSF ivuga ko icatumye ico gitigiri kigabanuka ari ihimiriza ryakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu afadikanije n’ibimenyeshamakuru kubijanye n’akamaro ko gukingira abamenyeshamakuru ,bikaba vyatumye abantu batahura neza gukingira abakora uyo mwuga.

Iryo shirahamwe rivuga ko ibihugu biza mu vya mbere aho abamenyeshamakuru bicwa ari ibihugu vya Siriya,Irak,Yemen hamwe n’igihugu ca Libiya,mu gihe igihugu ca Mexique kiza kw’isonga mu bihugu birimwo amahoro ariko abamenyeshamakuru bakiicwa cane.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha