IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi iriyamiriza icegeranyo cashikirijwe i Geneve

Reta y’Uburundi iriyamiriza icegeranyo cashikirijwe i Geneve

samedi 24 Ruheshi 2017

Mu kiganiro catunganijwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2017, mu ntumbero yo gushikiriza aho Reta ihagaze ku vyerekeye icegeranyo c’inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu yabereye I Geneve ku magenekerezo ya 14 na 15 Ruheshi 2017,umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Ambassadeur Willy NYAMITWE ari kumwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Alain Diomede NZEYIMANA bamenyesheje ko icegeranyo cakozwe hirengagijwe ivyashikirijwe n’uwuserukira Uburundi I Geneve.

Alain Diomede NZEYIMANA icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko biyamirije icegeranyo cashikirijwe I Geneve, nk’uko biyamirije ivyegeranyo vya mbere, kuko vyakozwe bakoreye ku binyoma.

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze ko igihugu c’Uburundi kirimwo amahoro n’umutekano,ko ikiraje ishinga Reta ari ugutahukana abarundi bahunze, kugira bafashanye n’abandi kwubaka igihugu no gutegura amatora yo mu mwaka wa 2020.

Alain Diomede NZEYIMANA ati:«Igihugu cacu ni nyabagendwa,kirangwamwo amahoro n’umutekano.Abarundi bari ku kivi mu bikorwa vy’iterambere,batsimbataza amahoro n’umutekano muri ya nyabune n’aza komite z’umutekano zihurikiyemwo bose

Icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu yahejeje asaba inama mpuzamakungu ijejwe agateka ka zina muntu gukora koko nk’urwego rwiyubaha, abahinga babo nabo bagakora nk’abahinga koko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.