IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ntishigikiye ko abahinga ba ONU bongerwa ikiringo

Reta y’Uburundi ntishigikiye ko abahinga ba ONU bongerwa ikiringo

jeudi 28 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, umushikiranganji w’agateka ka zina Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko ingingo ishinga uwo murwi w’amatohoza wagiyeho amategeko adakurikijwe kandi ko washizweho ku mvo za poritike, kuko harivyo wategerezwa kwerekana.

"Reta yariyamirije iyo ngingo kuko yabonye kare ko mu binyegeje ko uwo murwi wategerezwa kwerekana uko bigenda kwose ko habaye ivyaha vy’agahomerabunwa mu gihugu, gukura Uburundi mu kanama ka ONU kajejwe ivy’agateka ka zina muntu, hamwe no gutuma sentare mpanavyaha CPI kugira amatohoza mu Burundi".

JPEG - 46.8 ko
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu asigura ko n’aho bohindura abagize uwo murwi, Reta y’Uburundi itazokwemera ko uwo murwi uhabwa ikindi kiringo, kuko kubwayo, ivyama bishikirizwa n’uwo murwi aba ari ibinyoma. Martin NIVYABANDI ahamagarira uwo murwi ko wokwegera Reta ikawereka ivyo imaze gukora.

Icegeranyo c’umurwi w’abahinga bajejwe amatohoza yabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 cavuga ko habaye ihohoterwa rya kiremwa muntu muri ico kiringo, kandi ko hari n’abantu baburiwe irengero.

Tubibutseko ko muri uwu wa kane i Geneve mu gihugu c’Ubuswise ko haza kuberayo inama igira iya 36 y’akanama kajejwe agateka ka zina muntu, akaba ariho haza kuba amatora amenyesha namba uwo murwi ugizwe n’abahinga batatu bajejwe gutohoza ku mabi yabaye kuva mu kwezi kwa ndamukiza 2015 mu Burundi wokwongerwa ikindi ikiringo c’umwaka.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Nkuwo mushikirangaji Nivyabandi,ntagateka kazina muntu ajejwe,! yoba urumuntu ujejwe ivyagateka kazina muntu akubahuka kuvuga nkivyo?
    ivyagateka kamuntu uko ndamubona ntanivyo yize, yize kugahonyanga!
    kandi iyonumvise umuntu yubahuka kuvuga yuko ngaha muburundi kwatamabi yakozwe yoguhohotera kiremwamuntu cambona kuyo muntu adakwije canke akabarimubateguye gutikiza abenigihugu, nokubahohotera.
    Nayamatohoza ya ONU ntamusi Reta ya Nkurunziza Petero nabobasangiye gutikiza abana Buburundi,ntaho bazigera bemera kwamatohoza abaho, kuko nabonyene barabizi yuko bamaze kugoka.
    Ivyo numva avuga ngo harashizwe umurwi wogutohoza barabe kwivyo bagirizwa kwarivyukuri!, jewe ukondabibona numurwi watowe wokuzimanganya ivyemezo vyivyabaye. Muribarya mama ngobazotohoza basazwe atarabere muvyabaye ngaha muburundi, igitangaje murako gakino bariko barikinira,,,, ntiwotegura kwica hanyuma ngo wongere witohoze ntahovyakabonetse.
    Iconosaba abarundi bumutima basazwe bakunduburundi abobagabo baba shingamateka baba CDD FDD bagushitseko ngobariko baratohoza, uricerereza ukihenda ukarikorora ukababwira ivyo wabonye, utahure neza kwimisi yawe yokubaho izobiheze,
    nukubanza ukaraba neza uwuriko arakuronderako kwamatohoza, utahure neza bamaze kugutahura vyukuri bazokuzimanganya, nivyemezo bizoba bizimanganye.
    MURAKOZE

  • None mutinya iki?mugume hamwe CPI ikore akazi kayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.