IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Rumonge: Ishirahamwe FAMEP-APV risaba abana bari mu kigo c’igororero (...)

Rumonge: Ishirahamwe FAMEP-APV risaba abana bari mu kigo c’igororero kutihebura

samedi 29 Mukakaro 2017

Mu rugendo bamwe mu banywanyi b’ishirahamwe FAMEP-APV bagize mu kigo c’igororero ry’abana bafitaniye ibibazo n’amategeko kiri mu ntara ya Rumonge kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2017, bakiriwe n’umuyobozi w’ico kigo Jean NIYONGABO.

Mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, umuyobozi w’ikigo Jean NIYONGABO yashimiye ishirahamwe FAMEP-APV ku kigoro ryagize, mu gushika kugendera abo bana.

JPEG - 120.5 ko
Jean NIYONGABO,arongoye ikigo

Jean NIYONGABO yavuze ko igikorwa bakora mu kigo atari akazi, ariko ko ari ibanga, kandi ko abana batari bake baciye muri ico kigo, bashoboye kubana neza n’abo basanze mu miryango yabo.

Yavuze ati : "Ku bana baca ngaha mu kigo, turabafasha ku bigisha imyuga itandukanye, nko gushona no kubaza. Ibice 2 kw’ijana gusa vy’abana baca hano nibo bigora, ariko abandi barashima ubumenyi bakura muri iki kigo."

Umuyobozi w’ikigo, Jean NIYONGABO yavuze ko ibanga ryo kugorora abana bafitaniye amatati n’amatego ari ciza, ariko kitoroshe, ari naco gituma gisaba inguvu z’abantu bose.

Ku ruhande rwiwe, Dominique NDAYIRAGIJE, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe FAMEP-APV akaba ari nawe yagiye arongoye abanywanyi b’iryo shirahamwe, yavuze ko ishirahamwe FAMEP-APV ryagize urugendo mu kigo c’igororero c’abana bafitaniye amatati n’amategeko, mu ntumbero yo kuraba aho abana babaye, n’ingene bifashe kuko bijanye n’igikorwa ishirahamwe FAMEP-APV ryiyemeje.

JPEG - 105 ko
Doominique NDAYIRAGIJE,umunyamabanga mukuru wa FAMEP-APV

Dominique NDAYIRAGIJE yasavye abana bari mu kigo c’igororero co mu ntara ya Rumonge kutihebura aca abasaba kwiyegereza Imana kuko ariyo muvyeyi mukuru, abemerera ko mu minsi ya vuba bazosubira kubaraba.

"Uno munsi nagomba ndabaremeshe, nanje nari mboshwe n’ivyaha bitandukanye, nari narapfuye rubi. Nagomba ndababarire ndabaremesha ko aha muri atariho muzokwama. Ejo muzoba muri abantu bahambaye, nimwe Burundi bw’ejo."

NIYUNGEKO Louis-Leon aserukira ishirahamwe FAMEP-APV imbere y’amatego, yavuze ko kuba bashitse muri ico kigo kiri mu Rumonge vyerekana ko bakorana n’abana bafitaniye amatati n’amategeko.

JPEG - 115.4 ko
NIYUNGEKO Leon-Louis ,aserukira imbere y’amategeko FAMEP-APV

NIYUNGEKO Louis-Leon yamenyesheje ko ishirahamwe rizogaruka rizi neza abo ryagendeye, aca asaba abana ko aho boja hose bakabona iryo shirahamwe borimenya, kandi bakamenya ko ico ryabamariye.

Kubwa SHURWERYIMANA Jean de Dieu yaserukiye abana bari mu kigo c’igororero c’abana bafitaniye amatati n’amategeko mu Rumonge, yashimye urugendo rwagizwe n’ishirahamwe FAMEP-APV, aca asaba ko ryobafasha kuronka ibikoresho na cane cane mu bijanye n’inkino, nk’ibirato vyo gukina, umupira w’amaguru n’impuzu.

JPEG - 131 ko
SHURWERYIMANA Jean de Dieu, aserukira abana

Mwomenya ko urwo rugendo rwatangujwe n’urukino rw’umupira w’amaguru rwahuje imirwi ibiri y’abana baba muri ico kigo, aho umurwi umwe muri iyo watsinze igitsindo kimwe ku busa cinjijwe n’umukinyi Abdoul ku munota wa gatatu.

Ikigo c’igororero c’abana bafitaniye amatati n’amategeko mu ntara ya Rumonge cashinzwe mu mwaka wa 2015, kikaba gifise abana 56 bashobora kwiyongera canke bakagabanuka ku munsi ku munsi.

Nayo ishirahamwe FAMEP-APV (Familles aux Ames de Pitié : Assistance aux Personnes sensiblement Vulnerables) ryemerewe gukorera ku mugaragaro n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu inomero 530/1815 ryo kuwa 18 Munyonyo 2014.

Urugendo rwarangiye abana bari mu kigo c’igororero co mu Rumonge, abayobozi b’ikigo n’abaserukiye ishirahamwe FAMEP-APV bivunira akanyota hamwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.