Russie:Vladimir Putin yanse kwirukana abanyamerika 35

Yanditswe na IGIHE
Kuya 30 Kigarama 2016 saa 09:56
Yasomwe : 17811
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yanse kwirukana abakozi 35 bakora mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe mu Burusiya, mu gusubiriza mu ndumane ivyakozwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya budakwiye kwitesha agaciro mu kwihora ku vyakozwe n’abantu badakora neza akazi kabo , ahubwo ko bugiye kunagura imigenderanire yabwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe umukuru w’igihugu yatowe Donald Trump azoba yashitse ku butegetsi.
Umushikiranganji ajejwe (...)

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu yari yasavye umukuru w’igihugu kwirukana abantu 35 mu baserukira Amerika mu gihugu c’Uburusiya mu ntumbero yo kwihora.

Igihugu c’Uburusiya kimenyesha ko butigeze buja mu bikorwa vyo kwabura ahubwo bukavuga ko ibihano Reta Zunze Ubumwe zifata bidafise ishingiro.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya Dimitri Medvedev yagiriza Reta y’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama iriko iraheza ikiringo ko yipfuza guheza ihitanye igihugu c’Uburusiya

Kumenyekanisha

1
Roger 31-12-2016 à 16:31

vladimir Putin,mwereke ico umusumbije ntukabahore umuntumwe gusa,ntihica ubwoko hica ubutegetsi bubi,iryo nishavu kuko agiye mutarwanye.komera hoba abategetsi nkawe isi yoronka amahoro,Obama yaruwo guteranya ibihugu

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha