Abakuru b’ibihugu 11 bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul Kagame

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 Myandagaro 2017 saa 11:02
Yasomwe : 38169
0 0

Abakuru b’ibihugu icumi n’umwe nibo mu bihugu vya Africa bamaze gushika mu gihugu c’Urwanda mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu aheruka gutsinda amatora Paul Kagame, biba kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Myandagaro 2017.

Kuva mu masaha y’ubucagucagu abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi mu bihugu bitandukanye bari bamaze gushika mu gihugu c’Urwanda mu ntumbero yo kwifatanya n’abanyarwanda mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu.

Abakuru b’ibihugu bamaze gushika ni Hage Gottfried Geingob Namibia, uwa Congo Brazaville Denis Sassou Nguesso, uwa Zambia Edgar Lungu, uwa Djibouti Ismail Omar Guelleh, wa Niger Mahamadou Issoufou, uwundi ni Brahim Ghali wa Republika ya Sahara,Macky Sall wa Senegal,n’uwa Centrafrika Faustin-Archange Touadera.

Hejuru y’abo mu karere bashitse kwifatanya n’abanyarwanda,aribo Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya na Yoweri Kaguta Museveni arongoye igihugu c’Ubuganda,na Ali Bongo arongoye igihugu ca Gabon nawe yashitse mu gihugu c’Urwanda.

Abandi bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul KAGAME ni abakuru b’inama nshingamateka 3 b’ibihugu bitandukanye, abashikiranganji ba mbere 4,ivyegera vy’abakuru b’ibihugu bibiri.

JPEG - 66.6 ko
Benjamin Mkapa,umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi

Umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi akaba kandi yarabaye n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Benjamin Mkapa yitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME.

JPEG - 100.8 ko
Denis Sassou Nguesso wa Congo Brazaville

Amatora y’umukuru w’igihugu mu Rwanda yabaye kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017,atsindwa na Paul KAGAME yarungitswe n’umugambwe FPR Inkotanyi ku majwi 98 kw’ijana.

Abandi bahiganwa na Paul KAGAME ni Franck HABINEZA yaserukiye umugambwe Green party, na Philippe MPAYIMANA yitoze nk’uwigenga.

JPEG - 90.1 ko
Macky Sall,umukuru w’igihugu ca Senegal
JPEG - 103.9 ko
Mohamadou Issoufou,umukuru w’igihugu ca Niger
JPEG - 131.4 ko
Ismail Omar Guerreh,umukuru w’igihugu ca Djibouti
JPEG - 127.1 ko
Brahim Ghali,umukuru w’igihugu ca Sahara
JPEG - 133.2 ko
Faustin-Arcange Touadera,umukuru w’igihugu ca centrafrique

Kumenyekanisha

1
kwimika umwami w’abanyarwanda 18-08-2017 à 15:15

Kaguta na Kabila bashika ryari gushigikira mwena wabo Kagame? Uteranije imyaka bamaze ku butegetsi barashikana ikinjanja (1 siècle)! Abanyagihugu babo bazoteba babakengurukira ku vyo bazoba barabakoreye. Umukozi yama igirwa n’impembo!

2
kamama 18-08-2017 à 13:11

south soudan, zambia,Gabon,Niger,Djibouti, soudan (North), Kenya, Uganda,Chad,Togo,Ethiopia, Senegal, Congo Brazza, Guinee, Namibia na Sahara republic ago bose ni 17 non 11

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha