Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu

Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu

vendredi 4 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko mu bibanza bimwe bimwe biberamwo itora, abantu bari bahashitse nk’igihe c’isaha icumi z’ubuca.

Ibiro vy’amatora vyari vyuguruye kuva igihe c’isaha imwe y’igitondo,ayo masha nyene abantu bari batonze mu bibanza, kandi kuri iyo saha amatora yari atanguye mu gihugu cose.

Mu bategetsi bazindutse nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru IGIHE gikorera mu gihugu c’Urwanda abimenyesha, ni umukuru w’inama nkenguzamateka Makuza Bernard, uwo akaba yamaze guheza gutora.

Abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu c’Urwanda ni Paul Kagame ku ruhande rw’umugambwe FPR Inkotanyi, Dr Frank Habineza w’umugambwe Green Party hamwe na Phillippe Mpayimana yitoza nk’uwigenga.

Amatora ku baba mu bindi bihugu yabaye kuri uno wa kane igenekerez rya 3 Myandagaro 2017, batoreye mu bibanza 93 biri mu bibanza bitandukanye kw’isi.

Ibibanza biberamwo amatora mu gihugu cose c’Urwanda ni 2343.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.