Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gasabo bagize imyiyerekano
Rwanda : Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gasabo bagize imyiyerekano
lundi 3 Ndamukiza 2017, par
Abapfungwa bo mw’ibohero rikuru rya Gasabo, muri Kimironko, mu gihugu c’Urwanda bagize imyiyerekano mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2017. Iyo myiyerekano yabaye mw’ibohero ryaheruka guterwa n’impanuka y’umuriro wononye ibikoresho vy’abapfungwa.
Umuvugizi w’urwego rw’igihugu rujejwe abapfungwa mu Rwanda, CIP Hillary Sengabo, yabwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko abapfungwa baharurwa kw’ijana aribo bagize ibisa n’imyiyerekano, bavuga ibikoresho badafise, bigizwe n’ivy’ukuryamako.

CIP Sengabo avuga ko abajejwe umutekano muri iryo bohero bamaze gutangura amatohoza kugira bamenye icateye iyo migumuko muri ico kibanza kirimwo abanyonyoro bagera ku bihumbi bitanu.
Muri iyo myiyerekano, abapfungwa bateye amabuye hanze y’ibohero, akaba yari mw’ibarabara gushika mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Abajejwe gusukura igisagara akaba aribo baje kuyakubura.


IGIHE