Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gasabo bagize imyiyerekano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gasabo bagize imyiyerekano

Rwanda : Abapfungwa bo mw’ibohero rya Gasabo bagize imyiyerekano

lundi 3 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abapfungwa bo mw’ibohero rikuru rya Gasabo, muri Kimironko, mu gihugu c’Urwanda bagize imyiyerekano mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 3 Ndamukiza 2017. Iyo myiyerekano yabaye mw’ibohero ryaheruka guterwa n’impanuka y’umuriro wononye ibikoresho vy’abapfungwa.

Umuvugizi w’urwego rw’igihugu rujejwe abapfungwa mu Rwanda, CIP Hillary Sengabo, yabwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko abapfungwa baharurwa kw’ijana aribo bagize ibisa n’imyiyerekano, bavuga ibikoresho badafise, bigizwe n’ivy’ukuryamako.

CIP Sengabo avuga ko abajejwe umutekano muri iryo bohero bamaze gutangura amatohoza kugira bamenye icateye iyo migumuko muri ico kibanza kirimwo abanyonyoro bagera ku bihumbi bitanu.

Muri iyo myiyerekano, abapfungwa bateye amabuye hanze y’ibohero, akaba yari mw’ibarabara gushika mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Abajejwe gusukura igisagara akaba aribo baje kuyakubura.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.