Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abayoboke indwi ba Victoire INGABIRE batawe muri yompi
Rwanda : Abayoboke indwi ba Victoire INGABIRE batawe muri yompi
vendredi 8 Nyakanga 2017, par
Itangazo ryasohowe n’igiporisi c’Urwanda ryemeza ko abo bantu batawe muri yompi barimwo umugore umwe, baka bagirizwa ibikorwa vy’ukurondera urwaruka rwinjizwa mu mirwi yitwaje ibirwanisho.
Nk’uko bivugwa na BBC, bane muri abo bafashwe kuri uwu wa gatatu, inyuma y’isakwa ryabaye mu gisagara ca Kigali, mu ngo z’abayoboke b’uwo mugambwe FDU Inkingi wa Victoire INGABIRE.
Abandi batatu bafashwe mu ntango z’iyi ndwi, mu ntara y’uburengero, bakaba bafashwe bari mu nzira yabajana mu gihugu igiporisi kitarashikiriza.
Mu giporisi c’Urwanda bavuga ko ifatwa ry’abo batatu ariryo ryatumye bagenzi babo bane nabo batabwa muri yompi.
Egide NDUWIMANA
Messages
8 Nyakanga 2017, 14:46, par Cobla Rouge
Vyiza cane babapfunge kabisa,erega Ingabire Victoire yarondera ivyamoko no kuryanisha Abanyarwanda,ivyo yashaka kugira ninkivy’imbonerakure zo ngaha mu Burundi zigira,bravo FPR