IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abinjira kwumviriza urubanza rwa Diane RWIGARA babanza (...)

Rwanda : Abinjira kwumviriza urubanza rwa Diane RWIGARA babanza gusakwa

mercredi 11 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri Sentare ahariko humvirizwa abo bakurikiranwa n’ubutungane bw’Urwanda, umukuru w’intahe yabwiye abaje kwumviriza ko ata muntu n’umwe arekuriwe gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, n’uwinjiye wese akabanza gusakwa. Amaterefone ngendanwa, ivyuma bifata amajwi n’amasanamu bisigara hanze.

Sentare yatanze uburenganzira ku nzego z’umutekano ko ata mumenyeshamakuru yemerewe gufata amajwi n’amasanamu.

Mu rubanza rwa mbere, Adeline Rwigara, umuvyeyi wa Diane Rwigara yabwiye abacamanza ko we n’abana biwe batazi ico bagirizwa, avuga ko bakeneye kubona dosiye bakaburana bayifise.

Umushikirizamanza yabwiye uwo muryango wa RWIGARA ko abakurikiranwa bose babwiwe ivyo bagirizwa, bumvishwa n’amajwi arimwo ibimenyetso vy’ivyaha bagirizwa vy’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

JPEG - 126.7 ko
Umuvyeyi wa Diane RWIGARA

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.