IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ikiziga c’umwami Kigeli V kigiye gutahukanwa mu Rwanda

Ikiziga c’umwami Kigeli V kigiye gutahukanwa mu Rwanda

jeudi 5 Nzero 2017

Ubucamanza bwo muri Reta ya Virginia mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bwafashe ingingo yo kurungika mu Rwanda ikiziga c’umwami Kigeli V mu gihugu c’Urwanda, aho bitegekanijwe ko azoshingurwa.

Ingingo yo kurungika ikiziga c’umwami Kigeli V yafashwe, inyuma yahoo umucamanza amaze iminsi ibiri yumviriza abagize umuryango w’umwami bafasha ingigno yo kwitura ubucamanza ,kuko batari bashoboye kwumvikana aho umwami yoshingurwa.

Mu bagize umuryango w’umwami hari abashaka ko ashingurwa mu Rwanda abandi bagashaka ko ashingurwa mu mahanga. Ariko rero ingorane zazanywe nuko umwami ataco yasize avuze abicishije mu rwandiko canke ahandi ku bijanye n’ikibanza azoshingurwamwo amaze kwitaba Imana.

Umunsi wa mbere w’urubanza wahariwe ahanini kwumviriza abashigikiye ko ikiziga c’umwami coshingurwa w’umwami mu Rwanda.Bafashijwe n’ababunganira bose bahagaze ko icipfuzo c’umwami car’uko umunsi umwe yotaha mu gihugu gihugu camwibarutse.

Basiguriye ubucamanza ko, kuba umwami atigeze afata ubundi bwenegihugu ari ikimenyetso ntabanduka ko yakunda igihugu ciwe, ko vyoba vyiza ariho ashinguwe.

Christine Mukabayojo,umukobwabo n’umwami Kigeli, yasavye ubucamanza guha agaciro icipfuzo ca inasenge Speciosa Mukabayojo, yasavye ko musaza we yoshingurwa mu Rwanda kuko ariwe wenyene ataritaba Imana mu bavukana n’umwami.

Ku ruhande rw’abipfuza ko umwami Kigeli yoshingurwa mu mahanga,basavye ubucamanza kudaha agaciro ico cipfuzo co gushingura umwami mu gihugu c’Urwanda ,kuko kuba yitavye Imana amaze imyaka 55 ataraja mu gihugu vyerekana ko atari yiteguye gutaha mu Rwanda.

Berekanye ko umwami yasabwe kenshi gutaha ariko akemeza ko atiteguye gusubira mu Rwanda nk’umuntu asanzwe ariko ko ashaka gutahana icubahiro c’umwami.

Emmanuel Bushayija, umuhungwabo n’umwami Kigeli V yabwiye ubucamanza ko Urwanda rutigeze rwipfuza ko umwami ataha nk’umwami arico gitumaatosubizwa mu Rwanda.

Ahejeje kwumviriza impande zose, umucamanza yashigikiye icipfuzo ca mushiki w’umwami kuko ariwe afitaniye isano rinini n’umwami Kigeli V.
Umucamanza yaciye atanga itegeko ko ikiziga c’umwami bakirekura kikarungikwa mu gihugu c’Urwanda.

Umwami Kigeli V Ndahindurwa yarongoye Urwanda kuva mu kwezi kw’indwi umwaka w’1959 gushika asenyuwe ku butegetsi mu kwezi kwa mbere umwaka w’1961.

Umwami Kigeli V yitavye Imana igenekerezo rya 16 ukwezi kwa cumi umwaka w’2016.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.