IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Impunzi z’imbere y’umwaka wa 1998 zigiye kwakwa uburenganzira bwo (...)

Rwanda : Impunzi z’imbere y’umwaka wa 1998 zigiye kwakwa uburenganzira bwo kwitwa impunzi

jeudi 23 novembre 2017

Iyo ngingo iraba cane cane impunzi ziri mu Buganda, Zambiya Congo Brazaville. Benshi muri abo, bahunze bivuye kw’ihonyabwoko ryo mu 1994, abandi nabo bahunze ubwicanyi bwabereye mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Kongo mu mwaka wa 1996 na 1997.

Reta y’Urwanda yasiguye ko ata mpamvu zotuma umunyarwanda aguma mu buhungiro, ico ciyumviro ikagihurizako n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR, ariko ikamenyesha ko abazosaba kuguma ari impunzi bazovyemererwa.

Mu gihugu ca Congo Brazaville, aho iryo tegeko ritegurwa gushirwa mu ngiro igenekerezo rya 31 Kigarama 2017,impunzi zivuga ko zifise amakenga n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike nka ADHUC, nayo yashize ahabona amakenga mu mugwi wa afrika ujejwe agateka ka zina muntu.

Umukuru w’aryo Loamba Moke avuga ko arajwe ishinga n’abashitse muri Congo Brazzaville ari impfuvyi haheze imyaka irenga mirongo ibiri, kandi ko bafise amakenga k’umutekano wabo, mu gihe benshi bahunze ubwicanyi bwabereye mu gihugu ca RDC.

Mw’ishirahamwe ADHUC bavuga kandi ko bafise amakenga ko abazoshima kudasubira mu Rwanda batazohava baronswa impapuro zibaranga mu bihugu bahungiyemwo.

HCR ku ruhande rwayo nayo imenyesha ko itagiye kubaheba ahubwo bazokwiga ibibazo vy’abavuga ko umutekano wabo utoba ukwiye, mu gihe botaha mu Rwanda, HCR ikazobikorana n’ibihugu vyemeye kwakira izo mpunzi.

Katerina Kitidi, umwe mu bavugira HCR avuga ati :« Mu masezerano HCR igirana n’ibihugu vyakira impunzi, harimwo ugukingira impunzi zibona ko umutekano wabo utoba ukingiwe mu gihe botaha mu gihugu c’amavukiro. Mu gihe ibihugu bahungiyemwo vyemeye kubaha ubwenegihugu, ntakamaro ko kubahata ngo batahe atari kubushake bwabo. »

Igihugu ca Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, ari naco gifise igitigiri kinini c’impunzi zishika kuri 250 000 cabaye kirasubiza inyuma itariki ntarengwa yo gutahukana izo mpunzi.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.