IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Indwi iraheze Victoire INGABIRE atagaburirwa

Rwanda : Indwi iraheze Victoire INGABIRE atagaburirwa

jeudi 14 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Justin BAHUNGA avuga ko Victoire INGABIRE amaze imisi atagemurirwa imfungurwa kuko abasanzwe bamushira izo mfungurwa batawe muri yompi n’abajejwe umutekano.

Victoire INGABIRE asanzwe adafungura imfungurwa izindi mfungwa zihabwa abandi banyororo, kuko asanzwe agwaye ingwara zituma adafungura ivyarivyo vyose.

JPEG - 33.6 ko
Victoire INGABIRE

BAHUNGA Justin avugira umugambwe FDU-Inkingi ku rwego rwa Buraya amenyesha ko gushika ubu batazi ivyo umukuru w’umugambwe wabo ariko arafungura mw’iyi misi yose, bakaba bafise impungenge ko ashobora guhitanwa n’ikigoyi, aho ari mw’ibohero.

Igiporisi c’Urwanda kimaze iminsi gitaye muri yompi abanywanyi 7 b’umugambwe FDU-Inkingi, harimwo n’uwahora agemurira Victoire INGABIRE, nk’uko vyemezwa n’abo muri uwo mugambwe.

Umuvugizi w’ibiro bijejwe amabohero mu Rwanda, Hilary Sengabo, yamenyesheje ko Victoire Ingabire ata ngorane zijanye n’inzara afise, kuko abajejwe ibohero bamugaburira.

Hillary Sengabo yashikirije ko uwo atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda ariko aragaburirwa n’ibohero, mu kurindira ko uwatanzwe na Victoire Ingabire ngo azoze aramugemurira agende gutora ivyangombwa, kugira aze aramushira imfungurwa.

Tubibutse ko Victoire Ingabire asanzwe arongoye umugambwe FDU-Inkingi yaciriwe urubanza mu mwaka wa 2013, akaba yaciriwe umunyororo ’imyaka 15 yagirizwa ivyaha bijanye no gucanishamwo abanyagihugu hamwe no kwankisha abanyagihugu ubutegetsi buhari.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Reka reka ico n’ikinyoma,FDU Inkingi ninka CNDD-FDD,barazi kubesha gose,mu Rwanda bubahiriza agateka kazina muntu,sinko ngaha mu Burundi,Ingabire baramubeshe ava muri Holland ajana ivanguramoko mu Rwanda kandi bitemewe,iyo abizana ngaha mu Burundi hoho biremewe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.