IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Saidi Braza yahagaritswe yagirizwa gukoresha ibiyayuramutwe

Rwanda: Saidi Braza yahagaritswe yagirizwa gukoresha ibiyayuramutwe

jeudi 16 Ntwarante 2017

Umuririmyi Saidi Braza, aherutse kwivugira ko yahagaritse kunwa ibiyayuramutwe yasubiye gufatwa ariko abikoreramwo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru kigalitoday.com amenyesha ko Saidi Braza ari mu bantu berekanywe n’igipolisi c’Urwanda inyuma yo gufatanwa ibiro amaja atatu vy’urumogi.

Saidi Braza ubwiwe, yabwiye umumenyeshamakuru wa kigalitoday.com kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante ,umwaka wa 2017, ko ababajwe kandi aremerewe no gusubira gufatwa ari mu biyayuramutwe.

Yavuze ko ababajwe cane no kuba yarasubiye kunwa ibiyayuramutwe kandi yari yasavye wenyene kujanwa mu kibanza c’Iwawa ahakorerwa ibikorwa vyo kwigisha abantu guheba gufata ibiyayuramutwe.

Saidi Braza yavuze ko ababajwe kandi no kuba yasubiye gufatwa kandi ari mu batanguje ishirahamwe ryo kurwanya ibiyayuramutwe mu baririmvyi.

Umuririmvyi Saidi Braza yabwiye umumenyeshamakuru wa kigalidoday.com ko atewe agahinda no kuba yambaye amapingu ubwa mbere kubera vyanse ko aheba urumogi kubera rwamurushije inguvu.

Umuvugizi wigipolisi c’Urwanda Theos Badege asaba abanyarwanda gushira inguvu hamwe mu kurwanya ibiyayuramutwe , mu kwerekana aho bibaza ko biri hose.


IGIHE

Messages

  • ewe sayidi urambaye ibara ubwambere urahovye amahera meshi ubwakabiri birabaje kukubona uboshe twahora tukubona utayaya

  • Umuntu wese yiyumvira kunwa urumongi canke kurudandaza nivyiza guhanurwa kuko ntavyiza birimwo nurupfu, jewe ndabivuga kubera nabiciyemwo ndabizi, kuko ntaburyo ntaciyemwo ngo ndonke ubutunzi bushimishije, sinasinzira narara kuri rusizi ndindiriye kwa bakongomani banzanira imizingo yivyo biyayuramutwe, iconshimira databukwe wanje amaze kumva kondandaza ibiyayuramutwe, yarantumyeko kugira ambaze kwivyo yumvise arivyukuri, namwishuye nti mivyukuri, kubera ndanka kubumukene. Umuvyeyi yabwiye ati hagarika ntusubire, Reta ikangufata, uzofurwa ubwobutunzi urondera ntuzigera uburonka, ntanuwuzi igihe uzoshobora kuviramugasho, aramahera uzoyanka mubundiburyo bwemewe nareta kandi ubeho amahoro, abana bawe bazokwige, bazorye icobagomba, bazokwambare impuzu bashatse, kubwivyo ndagusabe nimba unyubaha nkumuvyeyi wawe unyumvire, kumugoroba nzekuza tubitware kubita muruzi, nukuri abwiyuko nabonye kubuzima bwanje buhangaze kuko vyari biro vyishi, vyashika ibiro 1000 birega gatoya, naremeye kumugoroba yaraje abipakira mumodoka nokuri ruvubu, kugira ntihazogire nuwubitora yaratabura amagunira agacukanurira mumazi bigaca bitwarwa, umubabaro wa mahera nari nabiguze nawumaranye ameze atandatu, munyuma nataguye kwi yumvira iconokora kugira nzoshobore kubaho nkabandi, mwijoro ryamye ngaramye numvise umutima ubwira genda utangure kurangura agahawa, nokurangura ingurube ni mpene. Narabikoze kandi vyagenda neza, iconifuza kutazosega, canke kutazogenda namaguru, canke abana banje babeho batize, Imana yarumvirije amajambo databukwe yambariye yose, ntanarimwe ritashitse, unomusi kwije imyaka 37 yamavuka nta pingo irangera kukuboko icondagishima,iyo ntumvira umuvyeyi simba nkiriho, nabonsazwe narinzi twakorana unomusi barapfuye kandi bamwe baguye mubusho. Nkaboneraho nguhanura benewacu bose aho batumbereye hose, guhagarika kudandaza ivyo biyayura mutwe, nimba kuva munda yumuvyeyi wawe Imana ya kuraganiye kuzobana ibirara hanze nomunzu, ukagira mumodoka yimiriyoni mi 60 canke zirenga bizobuko. Ivyo kurondera mwamahera biriho kandi vyemewe namategeko ya reta, atarivyo bizogutwara ubuzima, abana bawe bagasigara aripfuvyi, basega uwowimye. Murakoze kubazokwumvira izimpanuro, muzorondere muronka mumigambi ya nyu mishasha mugiye kuzokwi yumvira yo shobora kubatezimbere mubanyu nomubagenzi...........

  • Abaririmvyi B Uburundi Nugwo Bapfuye.Uwutanyoye Urumogi Afata Izindi Drogue Ahubw Zikaz Gusumb Urumog.Gus Murarab Mumukubite Inkoni Nguf Ubundi Bw Yaruwugufungw Nk 45 Ans.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.