Rwanda : Ubutumwa bw’abiyamamaza buzobanza kwemezwa n’umurwi utegura amatora

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 31 mai 2017 saa 11:24
Yasomwe : 7002
0 0

Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora mu gihugu c’Urwanda uheruka gufata ingingo ko ubutumwa bwose bw’ukwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’umunani kw’uwu mwaka buzobanza kurungikirwa uwo murwi imbere y’uko bushirwa ku mbuga ngurukanabumenyi z’abiyamamaza.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Paul KAGAME bavuga ko ari ingingo y’ukurondera kubabuza kunegura ibitakozwe neza na Paul KAGAME asanzwe ariwe aramutswa ico gihugu.

Mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu c’Urwanda ategekanijwe kuwa 4 Myandagaro 2017, umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora wategetse ko kuva kw’igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017, abahiganwa bazoshaka kwiyamamaza ku mbuga ngurukanabumenyi, bazobanza kurungika ubutumwa bashaka gutanga mu murwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, kugira uwo murwi wemeze ko bwoshirwa ku mbuga ngurukanabumenyi (Les réseaux sociaux) z’abiyamamaza. Ubwo butumwa bugategerezwa kurungikirwa uwo murwi imbere y’amasaha 48 kugira uwushaka kubutanga abiherebwe uruhusha, aho mukamenya ko abagize uwo murwi ujejwe gutegura amatora bafise uburenganzira bw’ugusaba ivyohindurwa muri ubwo butumwa, bubaye naho butubahiriza amategeko, bugashobora kwankirwa gushirwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bamenyesha ko ari ingingo y’ukubabuza kuvuga ibitagenda neza muri ico gihugu, bakavuga ko uwo murwi uzohava witwaza ko ubwo butumwa buvuga ibitagenda neza, ko ari ubuhungabanya umutekano w’igihugu. Abo batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bakemeza ko bazokwitwarira mu butungane umurwi w’Urwanda ujejwe gutegura amatora.

Louise MUSHIKIWABO, umushikiranganji w’Urwanda ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, akaba n’umuvugizi wa Reta y’Urwanda yagaragaje ko atemera iyo ngingo y’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, yo kugenzura ubutumwa bw’amatora mu gihe co kwiyamamaza, imbere y’uko bushirwa ku mbuga ngurukanabumenyi.

MUSHIKIWABO yagize ati : "Nubaha cyane Komisiyo y’Amatora, ariko sinemeranya nayo ko Abanyarwanda mu matora bagomba ikibari cy’ubutumwa ku mbuga nkoranyambaga. Kugaragariza NEC [umurwi utegura amatora] ibitekerezo byawe mbere y’uko ubitangaza biteye ikibazo ! Mureke Abanyarwanda batange ibitekerezo byabo ku matora, ubundi amategeko azakurikizwe aho bizaba ngombwa !"

JPEG - 52.3 ko
Louise MUSHIKIWABO

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha