IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umugambwe FPR-Inkotanyi wemeje izina rya Paul KAGAME

Rwanda : Umugambwe FPR-Inkotanyi wemeje izina rya Paul KAGAME

dimanche 18 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Paul Kagame yemejwe mu matora yakozwe n’Abanyamugambwe ba FPR-Inkotanyi, mw’ikoraniro Kaminuza ry’uwo mugambwe kuri uwu wa gatandatu.

Abatoye ni 1930, muribo abatoye Paul Kagame ni abagera ku 1929, aho akaba ari mu gihe umwe mu batoye ataco yabivuzeko.

Muri ayo matora, Paul Kagame ntiyagira uwo bahiganwa, abari bitavye iryo koraniro Kaminuza akaba ariryo zina ryonyene bari bafise bemeza canke bakanka. Abatora bandika izina ku gapapuro, bakagashira mu gaseke.

Urutonde rw’imfatakibanza rw’abemerewe bose kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu w’Urwanda ruzotangazwa kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017, urutonde ntabanduka narwo rusohorwe kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2017.

Ayo matora azoba kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017 ku banyarwanda bari mu gihugu, hamwe no kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro ku banyarwanda bari mu mahanga.

Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame aheruka kumenyesha ko mu gihe yotahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Myandagaro 2017, ico kiringo (Mandat) c’imyaka indwi azoba atsindiye kizoba kibaye ica nyuma ayobora Urwanda, naho ibwirizwa shingiro ry’ico gihugu riheruka guhindurwa rimwemerera gutwara gushika mu mwaka 2034.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.