Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umukuru w’igihugu KAGAME yemeye ko asubiriye gutorwa kizoba kibaye (...)
Rwanda : Umukuru w’igihugu KAGAME yemeye ko asubiriye gutorwa kizoba kibaye ikiringo ca nyuma
lundi 15 Rusama 2017, par
Mu kiganiro aheruka kugirana n’Ikinyamakuru Jeune Afrique, umukuru w’igihugu Kagame yabajijwe namba ico kiringo c’imyaka indwi kizoba kibaye ica nyuma mu gihe yotorwa. Yishuye ati : "Niko mbitekereza, yego. Kandi nshobora kuzabisobanura neza vuba aha, ningera mu gihe cyo kwiyamamaza. Ku ruhande rumwe hari amasezerano nagiranye n’Umuryango FPR n’Abanyarwanda ku rundi ruhande. Bashatse, binyuze muri referendumu yahinduye Itegeko Nshinga mu Ukuboza 2015, ko nkomeza inshingano zanjye, ibintu nabemereye. Ariko igihe kirageze cyo kubabwira ko batekereza uko byamera na nyuma yanjye.”

Muri ico kiganiro, umukuru w’igihugu Paul KAGAME yabajijwe kandi ico yiyumvira, ku bijanye n’ukubona ata bantu benshi bahari bazohiganwa nawe muri ayo matora. Yabishuye ko ivyo atawe vyari bikwiye gutera ikibazo.
“Twagize igihe cyo guhangana n’ibibazo bikomeye kurusha iki. Kuki mwifuza ko uguhangana mu matora byatubera ikibazo? Ni cyo kibazo cyoroshye kurusha ibindi.”
Ku bavuga ko bigoye gusubirira Paul KAGAME mu mabanga y’umukuru w’igihugu, yabishuye ati : "Abavuga ibyo bafite ibindi bashingiraho, ku mpamvu za politiki. Iyo mvugo nta kintu ishingiyeho."
Bamwe mu banyarwanda bemeza ko ibintu vyose muri ico gihugu vyubakiye ku mukuru w’igihugu Paul KAGAME, ndetse mbere hakaba n’abavuga ko Kagame atagihari bizosaba kwubaka ibindi bishasha. Uwo ayoboye Urwanda avuga ati :
"Ibintu si uko bikorwa. Icy’ingenzi ni uko twubatse uburyo buhamye kandi butazahungabana, Kagame yaba agihari cyangwa se adahari. Ibisekuru bishya by’Abanyarwanda byubatse imitekerereze itandukanye kandi bize n’amasomo menshi. Impungenge zanyu zari kugira ishingiro iyo Abanyarwanda baba ntacyo biyungura, bahora ahantu hamwe."
Yabandanije agira ati "Ariko ibintu si uko biteye. Urebye nk’ubukungu bwacu, inzego zacu n’ubumenyi dufite, igihugu cyacu gitera imbere kandi mu buryo buzana impinduka. Nubwo Abanyarwanda bifuje ko nakomeza iyo miyoborere mu gihe runaka, izo mpinduka ntabwo zizarangirana n’ukugenda kwanjye. Ibyo ndabihamya."
NDUWIMANA
Messages
15 Rusama 2017, 19:37, par uwimanayagiriyuuntu Therance
muratwenza mwarimuziyuko hari umukuruwigihugu azovuga ngonimutware jewendarushe habanagato benshinuko kaniburya iryozina ntaworivako ubwonyene atbanjekwiyumvira