Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Umukuru w’igihugu yarahiriye gutwara ikiringo c’imyaka (...)
Rwanda: Umukuru w’igihugu yarahiriye gutwara ikiringo c’imyaka 7
vendredi 18 Myandagaro 2017
Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu vyabaye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 myangadaro 2017, ku kibuga citiriwe amahoro i Remera mu gisagara ca Kigali, aho hahuriye abantu barenga ibihumbi 25 bavuye mu gihugu cose.
Ivyo birori vyitabwe n’abakuru b’ibihugu 17,abashikiranganji ba mbere b’ibihugu hamwe n’abandi bakuru barenga 20 baje bava mu bihugu vyo muri Afirika n’iyindi mihingo yo kw’isi.
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Kagame yarahiriye kuzotwara gushika mu mwaka w’i 2024

Mu matora ryo kw’igenekerezo rya 3 na 4 myandagaro 2017 Paul KAGAME yatsinze amatora ku majwi 98,79 kw’ijana atsinze Mpayimana Philippe yitoje yigenga yaronse amajwi 0.73%, hamwe na muganga Frank Habineza yatanzwe n’umugambwe Green Party,na we akaba yaronse amajwi 0.48%.

Vianney BIKORIMANA