Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Umukuru w’igihugu yatanguye kwiyamamaza
Rwanda: Umukuru w’igihugu yatanguye kwiyamamaza
vendredi 14 Mukakaro 2017
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME yashizwe imbere n’umugambwe FPR Inkotanyi ari mu batanguye kwiyamamaza imbere y’abanyarwanda batari bake bari bitavye ico gikorwa.
Mw’ijambo ryiwe,umukuru w’igihugu Paul KAGAME yashimiye abanyagihugu bitavye,ashimira kandi imigambwe PSD, PL, PDC, PDI, UDPR, PSL, PPC, PSP yashigikiye umugambwe FPR Inkotanyi.

Yavuze ati:«Uhereye kuri PSD, PL, PDC, PDI, UDPR, PSL, PPC, PSP ariko ndashimira n’andi atari hano ku zindi mpamvu. Ari Green Party ari n’irindi naryo Imberakuri.»
Umukuru w’igihugu c’Urwanda yavuze kandi ko ashimira umugambwe FPR Inkotanyi kubera vyinshi vyavuzwe kandi vyakozwe.
Yavuze ati:«Reka nshimire cane umugambwe FPR n’abanywanyi bawo kubera vyinshi vyavuzwe, vyakozwe.»
Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME ntiyibagiye n’imigambwe Green Party n’umugambwe Imberakuri naho nyene itashitse mu kibanza cabereyemwo imyiyamamazo ku zindi mvo.


MUGISHA Van Naris