IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : 4 barishwe, 12 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo (...)

SOS-Torture : 4 barishwe, 12 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi

lundi 26 février 2018

Nk’uko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bantu bane bishwe, batatu muri bo bahitanywe n’ibitero vya gerenade, mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko, muri ico kiringo nyene, abantu 12 bahagaritswe hadakurikijwe amategeko, harimwo abantu babiri baharanira agateka ka zina muntu, ariko bobo bahavuye barekurwa, inyuma y’iminsi ibiri bapfunzwe.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abacamanza babibi ba sentare isubiramwo imanza ya Gitega, harimwo n’umukuru w’iyo sentare, bagirizwa kurya igiturire.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko hari n’abandi babandanya guhagarikwa bagirizwa kwigisah gutora ’’oya’’, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu 2018.

Muri ico cegeranyo isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Muganga Claude NIYONGERE yahora akora ku bitaro bikuru vy’intara ya Karusi, yagirizwa gukwiragiza isanamu y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yambaye inkofero ihamagarira abantu gutora ’’Oya’’, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.