SOS-Torture : 4 barishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 5 mars 2018 saa 01:59
2355
0 0

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu 4 bishwe, 8 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma, gushika kurya 3 Ntwarante 2018, mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Nk ‘uko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo bantu bitavye Imana, harimwo babiri biciwe muri komine ya Busoni, intara ya Kirundo, umwe muri abo akaba yari ahungutse bava mu gihugu c’Urwanda.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku bwicanyi bwabereye mu ntara ya Gitega, aho uwurongoye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Mutoyi, yitavye Imana arashwe n’abasirikare babibiri bakorera ku kirindiro ku Mutoyi nyene.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’ikubagurwa ryagiriwe umumenyeshamakuru Desire SINDIHEBURA akorera ikinyamakuru IWACU,kw’igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2018, muri komine Giheta, intara ya Gitega, yagirizwa gutanga amakuru atariyo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha