IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture :5 barishwe ,6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo (...)

SOS-Torture :5 barishwe ,6 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi

lundi 31 Mukakaro 2017

Mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gisohoka ku ndwi ku ndwi, isekeza SOS-Torture Burundi rimenyesha ko mu bahagaritswe harimwo abanywanyi batatu b’imigambwe itavugarumwe na Reta, hamwe n’abandi batatu basubiye guhagarikwa kandi bari barararekuwe n’ubutungane.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku gitigiri c’abanyororo kibandanya kwiyongera mu mabohero aho mu ntango z’ukwezi kwa Mukakaro 2017, igitigiri c’abanyororo gishika 9734.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko ryisunze ibitigiri vy’abapfungiwe mu mabohero atandukanye ivyo bitigiri biteye amakenga, kuko naho umukuru w’igihugu yari yatanze ikigongwe,abantu 500 binjijwe mu mabohero mu kiringo c’ukwezi kumwe n’igice.

Muri ico cegeranyo isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rupfu rw’umusirikare Etienne NZOSABA w’ipete rya Caporal-Chef aho ata tohoza na rimwe ryakozwe kuri urwo rupfu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.