SOS-Torture : 8 barishwe, 14 bahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 17 Mukakaro 2017 saa 08:21
Yasomwe : 1953
0 0

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko n’imiburiburi abantu umunani aribo bishwe, 14 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 15 Mukakaro 2017.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi gisohoka ku ndwi, bagaruka ku gitero ca gerenade cabereye mu ntara ya Kayanza, komine Gatara, aho abantu batanu bapfiriye abandi barenga 40 barakomereka.

SOS-Torture Burundi riragaruka kandi kw’ihagarikwa n’abakozi b’urwego rw’igendereza rya Germain RUKUKI umunywanyi w’ishirahamwe ACAT Burundi, kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture Burundi kimenyesha kandi ko abanywanyi indwi b’umugambwe FNL utavuga rumwe na Reta mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Mu banywanyi indwi b’umugambwe FNL bahagaritswe, ishirahamwe SOS-Torture Burundi rigaruka ku mukenyezi NDIWENUMURYANGO Esperance ari mu bajejwe intwaro ku rwego rwo hasi muri Zone Minago,komine n’intara ya Rumonge.Uwo mukenyezi yagirijwe kugirisha inama zitemewe n’amategeko.

Ku bahagaritswe n’urwego rw’igendereza,ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko,urwo rwego rutavuga igituma bahagaritswe n’aho bapfungiwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha