IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 8 barishwe, abarenga 10 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu (...)

SOS-Torture: 8 barishwe, abarenga 10 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo c’indwi

lundi 4 Nyakanga 2017

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gisohoka uko indwi iheze,hari urwaruka rwarahagaritswe ruvuye mu gihugu c’Ubuganda, bagirizwa ko bari babayeyo igihe kinini kandi bashobora kuba bari mu myimenyerezo y’imirwi irwana.

Reverien NDAYISENGA ajejwe ibikorwa mw’isekeza SOS-Torture, avuga ko bafise amakenga kuri urwo rwaruka rwahagaritswe ko rushobora kuzimangana, kuko gushika ubu ata nkuru n’imwe ivuga aho bari bafise.

Isekeza SOS-Torture rigaruka kandi ku bakenyezi n’abakobwa bashika 20 bahohotewe, iryo sekeza rikagiriza bamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD na bamwe mu bajejwe umutekano kuba aribo bakora ivyo vyaha.

Isekeza SOS-Torture rigasaba ko abagirizwa ivyaha vyo guhohotera agateka ka zina muntu bohagarikwa, bagashikirizwa ubutungane.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.