IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 13 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu kiringo (...)

SOS-Torture : Abantu 13 bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu mu kiringo c’indwi

lundi 16 Nzero 2017

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko n’imiburiburi abantu 13 aribo bishwe mu bice bitandukanye vy’igihugu kuva igenekerezo rya 7 gushika kurya 14 Nzero 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture,muri abo bishwe harimwo abashika 8 batowe ario ibiziga mu ruzi rwo muri zone ya Kanyosha,ya Komine Muha,mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

SOS-Torture imenyesha ko abajejwe intwaro baciye bihutira gushingura ivyo biziga batabanje gutohoza abo aribo, n’icatumye bicwa.Muri ico cegeranye ,SOS-Torture imenyesha kandi ko mu ntara ya Cibitoki ubwicanyi bubandanya kwiyongera,abicwa bakaba bagirizwa uburozi.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture cerekana kandi ko abantu kuva kw’igenekerezo rya 7 gushika kurya 14 Nzero 2017,abantu bahagaritswe bongera barapfungwa n’urwego rw’iperereza.Muri abo harimwo intwazangabo mu gisirikare akiri mu kazi.

SOS-Torture igatangazwa n’ingene urwego rw’iperereza arirwo ruhagarika abasirikare bakiri ku kazi,kandi hariho igipolisi ca gisirikare hamwe n’urwego rucira imanza abasirikare bari ku kazi,bivanye n’ipete bafise.

SOS-Torture imeneyesha ko inzego z’ubutungane mu gisirikare ataco zivuga mu gihe ivyo biba biriko biraba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.