Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: Abantu 2 barishwe, 22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu (...)
SOS-Torture: Abantu 2 barishwe, 22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi imwe
lundi 27 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko abantu babiri bishwe,22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, mu kiringo c’indwi imwe gusa yo kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 25 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.
Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, abo bantu babiri bishwe harimwo umukenyezi yari umukozi w’ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO, hakaba n’uwundi mukenyezi yatwe ari ikiziga mu ntara ya Gitega.
Ico cegeranyo ca SOS-Torture kiragaruka kandi kw’ihagarikwa rishingiye kuri politike ry’abanywanyi 14 b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA,bafatiwe mu ntara za Ngozi na Rumonge, aho abafatiwe mu Rumonge aribo barekuwe.
Ishirahamwe SOS-Torture Burundi riragaruka kandi kw’iyirukanwa ry’abanyagihugu bari mu miryango 500 baba mu kirwati ca Kagaragara, kiri muri komine ya Gihanga, intara ya Bubanza.
Muri ico cegeranyo ishirahamwe SOS-Torture riragaruka kandi kuri yegereyegere yabaye mw’ibohero rya Rumonge aho abapfungwa biyamiriza ko bagenzi babo bimurirwa mu yandi mabohero,bituma abapfungwa babiri bakmereka.
IGIHE
Messages
27 Ruhuhuma 2017, 13:07, par Cobla Rouge
Hari Ikintu Mwihendako Cane Mukwiye Naco Nyene Kugikosora Ibindi Turumvako Mwakosoye Bukebuke Mukuvuga Abantu Abaribo Naho Biba Vyabereye. None Ndababaze Iyomuvuze Abafashwe Bidakurikijwe Amategeko Nkabanziko Leta Ariyo Itanga Uruhusha Go Kubafata Bagafungigwa Mubusho Buzwi Na Leta None Mushakako Leta Izoca Kuribande Mugufata Abiketswe? None Hoho Kontarumva Abomuvuga Bafatwa Mumategeko? Urumva Ntabo Rero Kubwanyu? Raba Muhinduringendo Kuko Uburundi Turabusangiye.
27 Ruhuhuma 2017, 16:26, par kamaro
aya mashirahamwe arafise abantu atuma kugandangura abinegihugu kugirango agume aronka ibiziga yerekana mubazungu ngo muburundi ntamutekano uriho hama abazungu nubujuju bwabo bagaca babasehera amahera
27 Ruhuhuma 2017, 16:42, par kamaro
Ligue iteka na SOS-Torture bariko bakamisha amaraso yabarundi kuko barahana hana mukuvuga ejo hazovuga Ligue iteka kuko abobatuma kwacabantu bazoba babahaye raporo yabamaze kugandagurwa uko bangana, bamenyeko uryiciti ukinovora intuntu
28 Ruhuhuma 2017, 07:18, par Ntakirutimana Jonatan
Wewe wiyita KAMARO , ntakamaro urimwo!, Nkubaze baryabantu bafatwa nigi Porisi bagashikirizwa iperereza bukeye bagatorwa ibiziga bagandaguwe, mbesha bababishwe naya mashirahamwe uriko urifatira mugahanga? genda uhagarike kwica urabe kwayo mashirahamwe azosubira gutangaza ibitariho. kubafatwa nabo ijana kwijana bafatwa bidakurikije amategeko, ati kuki?, mwibibihe ntamu porisi akija gufata umunyagihugu yitwaje urwandiki rwokumufata, ivyo ntabikiriho!,noneho vyarunyutse ubuhoho imbonerakure muhuye akagusaba ikijumpu, azakwotsa utamuhaye, bukeye mugatondo hazoza igitero, kirongowe niyo mbonerakure, nguwo rwatunze ibirwanisho nimufate, mubuzima bwiwe niyonkoho ntaniyo arigera akora mumaboko, none ivyo vyose bikorwa nayo mashirahamwe?, sha sinemera kurumuntu woba urimuzima.
28 Ruhuhuma 2017, 12:19, par Bandora Charles
Kiramvu yababwiye ati nimwemere,ko nabobakingiye nabo ataco bashoboye
bagiye muba victimes, nagahomamunwa.