SOS-Torture : Abantu 4 bishwe, 7 barahagarikwa mu ndwi imwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 19 juin 2017 saa 08:51
Yasomwe : 1197
0 0

Ishirahamwe SOS Torture Burundi rimenyesha ko abantu 4 aribo bishwe, 7 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 10 gushika kurya 17 Ruheshi 2017.

Nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi cama gisohoka uko indwi iheze, ibitigiri vy’abapfungwa bibandanya kwiyongera naho nyene haheruka gupfungurwa abatari bake inyuma y’ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture Burundi riragaruka kandi ku gitero ca gerenade cabaye ku Musaga gihitana umuntu umwe yitavye Imana n’abandi icenda bakomeretse.

SOS-Torture Burundi ibicishije muri ico cegeranyo iragaruka kandi ku banywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA bamaze iminsi bahagarikwa mu ntara ya Gitega, kandi bagahagarikwa ata mpapuro zibereka igituma bahagaritswe.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko ibikorwa vyo guhagarika abantu bikorwa na bamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD ruri kumwe na bamwe mu baporisi.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha