IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 5 barishwe, 11 bakomerekera mu bitero mu kiringo (...)

SOS-Torture : Abantu 5 barishwe, 11 bakomerekera mu bitero mu kiringo c’indwi

lundi 11 décembre 2017

Nk’uko biri mu cegeranyo ca SOS-Torture gisohoka uko indwi iheze, muri abo bantu 5 bishwe mu ndwi iheze, harimwo 2 biciwe muri zone ya Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura.

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture kiragaruka kandi ku bigisha bo kw’ishuri ryisumbuye rya Komine Muhwazi, mu ntara ya Ruyigi, bahagaritswe n’igiporisi bagirizwa gushigikira abanyeshuri bariko basaba umuco ku mafaranga y’ishuri yongerejwe n’ubuyobozi.

Isekeza SOS-Torture riragarauka kandi ku gitero cabaye ku rugo rw’umukuru w’umutumba Mpishi,komie Musigati,intara ya Bubanza, aho umukozi w’umukuru w’umutumba yakomeretse, ariko akaba ata n’umwe yafashwe mu bakoze ico gitero.

Muri ico cegeranyo,isekeza SOS-torture riragaruka kandi kw’ihagarikwa rya Costantin Gisanganya, atwarwa urwaruka rw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA muri komine Gitanga, mu ntara ya Rutana, ariko rigashikiriza amakenga ko ariwe yahagaritswe weneyene mu gihe abandi bashwanye batigeze bahagarikwa.

Isekeza SOS-Torture rikamenyesha ko henshi hakozwe ubwicanyi, igiporisi c’Uburundi kitashoboye guhagarika ababikoze.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.