Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
SOS-Torture : Abantu 7 barishwe, abarenga 30 barahagarikwa mu kiringo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : Abantu 7 barishwe, abarenga 30 barahagarikwa mu kiringo (...)

SOS-Torture : Abantu 7 barishwe, abarenga 30 barahagarikwa mu kiringo c’indwi

lundi 4 décembre 2017

Nkuko biri mu cegereanyo c’isekeza SOS-Torture, muri abo bishwe, harimwo Serges BARUTWANAYO,indongozi mu mugambwe UPRONA urongowe na Charles NDITIJE, akaba ayahoze kandi ari musitanteri wa komine Kirundo.

Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi k’urupfu rw’umukenyezi Valerie Ndikuriyo yiciwe ku mutumba, zone Muyama, Komine Buyengero,intara ya Rumonge n’umugabo wiwe, uwo mugabo akaba yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose mu rubanza rw’ikibiriraho.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku rubanza rw’abasirikare n’abanyagihugu bagirizwa kugira igitero kw’ikambi y’abasirikare ya Mukoni, mu ntara ya Muyinga, aho abagirizwa baciriwe gupfungwa imyaka iri hagati ya 25 na 30, ariko SOS-Torture ikamenyesha ko sentare itisunze ihohoterwa ababuranyi bagiriwe mu gihe c’[amatohoza.

Isekeza SOS-Torture rikibutsa ko abahohotewe ari Caporal-chef Fulgence Ndayikengurutse na Caporal-chef Eric Ndagijimana, hamwe na Adjudant François Nkurunziza yahavuye yicwa amaze guhagarikwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.