SOS-Torture : Abantu 7 barishwe, abandi 7 bahagarikwa hadakurijwe amategeko

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 18 Nyakanga 2017 saa 08:48
Yasomwe : 2826
0 0

Isekeza SOS-Torture rimenyesha ko abantu 7 aribo bishwe, abandi 7 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko , hamwe n’abandi basinzikarijwe agateka mu kirongo co kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika kurya 16 Nyakanga 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo c’isekeza SOS-Torture cama gisohoka uko indwi iheze,muri abo bishwe harimwo umwe yatowe ikiziga mu ntara ya Ruyigi ariko atamenyekanye, hakabamwo kandi abandi bane bicirwa mu Kinama mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho.

Isekeza SOS-Torture riragaruka kandi kw’inyuruzwa ry’umunywanyi w’umugambwe UPD Zigamibanga Leopold HABARUGIRA yahagaritswe n’abantu bamwe bambaye impuzu zisanzwe harimwo n’uwambaye umwambaro w’igiporisi.

Kubw’isekeza SOS-Torture, inyuruzwa rya Leopold HABARUGIRA riteye ubwoba, kandi rigashobora gutuma yicwa ,mu gihe igiporisi c’Uburundi gihakana ko atarico camuhagaritse.

Icegeranyo c’isekeza SOS-Torture kiragaruka kandi ku gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho bateye ahahora hakorera igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi kijejwe agateka ka zina muntu ,aho abari bahacunze bavuze ko batewe ubwoba imbere y’uko binjira bagatora ibikoresho.

Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi urupfu rwa Samuel NTIRAMPEBA,umuhungu wiwe n’umukazana wiwe, inyuma yo guterwa kubera urubanza rw’itongo rwaheruka gushirwa mu ngiro na sentare y’intara ya Ruyigi.

Samuel NTIRAMPEBA yitavye Imana kubera ibikomere yakomerekejwe ariko ataha ku mutumba Muyange, Komine Butezi,intara ya Ruyigi aho yari asanzwe aba.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha