SOS Torture : 5 barishwe,22 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi imwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 octobre 2017 saa 09:19
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe SOS-Torture/Burundi rimenyesha ko abantu 5 bishwe, abandi 22 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kurya 28 Gitugutu 2017.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, iryo shirahamwe rimenyesha ko batanu bishwe bagizwe n’abagabo 3 hamwe n’abagore 2, nayo muri 22 bahagaritswe 11 bakaba ari abo mu mugambwe FNL utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Muri io cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture Burundi riragaruka kandi kw’ikubagurwa ry’umushingamateka Godeberthe HATUNGIMANA yatowe mu ntara ya Rutana, akaba kandi n’umuyoboke w’icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi Agathon RWASA, vyakozwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, nk’uko ico cegeranyo kibivuga.

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rigaruka kandi ku gisongerezi mu giporisi yanyurujwe mu ntara ya Muramvya, abo mu muryango wiwe bakaba bafise amakenga ko ashobora kuba yaragandaguwe kuko kuva anyuruzwa ata nkuru n’imwe yiwe bafise.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha