Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture:Iyindi minsi indwi yaranzwe n’ubwicanyi hamwe n’abahagarikwa
SOS-Torture:Iyindi minsi indwi yaranzwe n’ubwicanyi hamwe n’abahagarikwa
dimanche 28 Rusama 2017
Nk’uko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kurya 27 Rusama,umwaka wa 2017 harabaye ibitero vy’abitwaje ibirwanisho vyahitanye ubuzima bw’abanyagihugu na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.
Ico cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture kiragaruka kandi ku bwicanyi bwakozwe mu Kigaramango,kw’ibarabara Bujumbura-Gatumba,bwahitanye umudandaza w’igitoro Hilaire Muhamed mu gihe yari avuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwar Rusangi ya Kongo.
SOS-Torture iragaruka kandi ku bitero vyakozwe muri quartier Gikizi ya zone Kamenge,komine Ntahangwa ,iri mu gisagara ca Bujumbura hafi y’urugo rw’umukuru wa zne Kamenge, aho abantu 8 bakomeretse harimwo abana 3,umugore n’abagabo bane.
Icegeranyo ca SOS-Torture kiragaruka kw’ifatwa n’igipolisi ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo ry’umumenyeshamakuru akorera iradiyo y’abadagi Deutsche Welle Antéditeste Niragira yahavuye ashikirizwa igipolisi c’Uburundi inyuma y’indwi hanyuma ararekurwa.
Muri ico cegeranyo,ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abantu babandanije gufatwa na cane harimwo abayoboke b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamteka RWASA Agathon.
MUGISHA Van Naris
Messages
29 Rusama 2017, 14:14, par folmand
Ceux qui travaillent dans le cadre des sociétés civiles demandent une chose et son contraire; d’abord il faut arrêter et punir les malfaiteurs, quand on arrête qlq ces sociétés crient à haute voix qu’on arrêt les membres de l’opposition. Une question est ce que ceux qui sont dans l’opposition ne peuvent pas commettre des délits punissables. Ici on peut sousentendre que selon SOS Torture, le vrai coupable n’est jamais arrêté. Alors dénonce-le. Mes chères sociétés civiles abandonnent cet hatude de jouer le même jeu que les politiques et révèlent nous la vérité.
29 Rusama 2017, 14:15, par folmand