IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture:’’ Reta y’Uburundi yarabangamiye amashirahamwe aharanira agateka (...)

SOS-Torture:’’ Reta y’Uburundi yarabangamiye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu’’

lundi 20 Ntwarante 2017

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abajejwe gukingira agateka ka zina muntu babangamiwe na Reta y’Uburundi mu mwaka wa 2016, ivyatumye bakwa uburenganzira bwo gukora bidegemvya.

Mu cegeranyo ishirahamwe SOS-Torture ryashikirije kuvyo ryaranguye mu mwaka wa 2016, rimenyesha ko Reta y’Uburundi yabujije amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu gukora, biciye mu kubuza amashirahamwe atanu gukorera ku butaka bw’Uburundi.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu,umwaka wa 2016 amashirahamwe FORSC, APRODH, ACAT-BURUNDI, RCP na FOCODE yahagaritswe gukorera mu Burundi.

SOS-Torture imenyesha ko ari ingingo yo gucinyiza ayo mashirahamwe kubera uruhara yagize mukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kitemewe n’amategeko.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture kimenyesha kandi ko ihagarikwa ry’abashingwamanza bane ari ikindi kimenyetso ko Reta y’Uburundi idashaka ko isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi rimenyekana.

Mu bijanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko mu mwaka wa 2016 habaye ubwicanyi ndengerabutungane , bufatiye ahanini ku bwicanyi bukorwa n’abari mu nzego z’umutekano za Reta canke iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho, canke abapfa bari mu mabohero kubera bafashwe nabi canke batitaweho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.